IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yahaye umubonano uwuserukira Tanzaniya mu (...)

Umuhuza w’abarundi yahaye umubonano uwuserukira Tanzaniya mu Burundi

vendredi 24 Rusama 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi, Dr James Mwasi Nzagi mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 rusama 2013.

Inyuma y’uwo mubonano, Dr James Mwasi Nzagi aserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi yamenyesheje baganiriye ku migenderanire iri hagati y’ivyo bihugu vyompi bisanzwe bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Baganiriye kandi ku ntererano y’umuhuza w’abarundi ku bibazo biri hagati y’amadini mu gihugu ca Tanzaniya. Dr James Mwasi Nzagi yakengurutse ikiyago hagati y’abanyepolitike kiriko kibera mu ntara ya Kayanza ku nteguro y’itegeko rizogenga amatora. Yamenyesheje ko ico kiyago caje hageze mu gihe ikiringo c’amatora kiriko kiregera, ivyo bigatanga icizere ko amatora azogenda neza cane.

Nk’uko vyashikirijwe kandi na Rukumbi Ramadhani, umuhanuzi mu biro vy’umuhuza w’abarundi, umuhuza w’abarundi yaronse n’akaryo ko gushikiriza uwo aserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi icegeranyo c’ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza w’abarundi mu mwaka w’2012.

Abo bategetsi bompi baganiriye kandi ku vyerekeye inama iriko irategurwa izoba ku genekerezo rya 12 Ruheshi 2031, ikaba izohuza abarongoye amadini, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abarongoye ibitangazamakuru, n’abandi. Muri iyo nama, n’igihugu ca Tanzaniya kiramaze kwemeza ko kizokwitaba, ikaba izobera mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.