IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza yiyemeje kuzokwakira n’ivyiyumviro vy’abatagiye i Arusha

Umuhuza yiyemeje kuzokwakira n’ivyiyumviro vy’abatagiye i Arusha

mardi 24 Rusama 2016, par egide

Ibiganiro bihuza Abarundi biriko bibera i Arusha muri Tanzaniya birabandanya mu mwiherero hagati y’imirwi itandukanye n’umuhuza Benjamin William Mkapa. Umurwi wose ubonana ukwawo n’umuhuza.

Muri iyo mibonano yo mu mwiherero hagati y’umuhuza n’iyo mirwi, umuhuza ariko yakira ivyiyumviro bitandukanye kuvyoganirwako mu biganiro bizotunganwa mu nyuma, hamwe n’aho ivyo biganiro vyobera. Mu gihe hari abatumiwe batashoboye kwitaba ivyo biganiro, umuhuza Benjamin William Mkapa avuga ko abo bose batumiwe ntibashobore kuza azakora ibishoboka vyose abonane nabo, kuko ivyiyumviro vyabo bikenewe. Benjamin William Mkapa avuga ko azovugana n’uwo bafashanya mu buhuza, ariwe umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni, kugira batumeko ibiganiro nyezina mu ndwi igira gatatu y’ukwezi kwa gatandatu.

Umuhuza Benjamin William Mkapa

Ibiro vy’umuhuza w’Abarundi vyasohoye itangazo kuri uwu wa kabiri, aho bamenyesheje ko abamaze kubonana n’umuhuza ari abagera kuri 83, bakaba bagizwe n’intumwa za Reta y’Uburundi, abahoze ari abakuru b’igihugu, aho hakaba hitavye Domisiyano NDAYIZEYE wenyene, abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bibera mu Burundi, abaserukiye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, abaserukira amadini, hamwe n’abandi banyeporitike nka Rwasa Agathon, Evariste NGAYIMPENDA, hamwe na Tasiyano SIBOMANA.


IGIHE

Messages

  • ABOBO BASE KWITABA IBIGANIRO NIBABANDI BAKUBITA KUDETA TWBWE ABANYAGIHUGU BATOBATO DUSABA IBIHUGU VYAKIYE ABOBANTU KOBOBA RUNGIKA BAGACIRWA URUBAKWIYE KUKO BARAHEMUKIYE IGIHUGU

  • Ndabona Yuko Ivyo Biganiro Vyoba Ariko President Wacu Ntihagir Ico Bamuvugako Kuko Twaramwitorey Barondere Barya Bantu Bakubis Coup D, Etat Bababaz Ico Bari Bagamij Nabarya Bagomorey Abantu Mw, Ibarabara

  • NUBAHUZ ABARUNDI TWIRONKER AMAHORO ARIKO SINIZEYKO ARIBIZORAMA! IVYUBURUNDI BIZOTOREGWUMUTI N’IMANA YOMWIJURU NUBAHUZ ABARUNDI TWIRONKER AMAHORO ARIKO SINIZEYKO ARIBIZORAMA! IVYUBURUNDI BIZOTOREGWUMUTI N’IMANA YOMWIJURU YONYENE

  • Vyoba ari vyiz cane kko natw twasigay mu gihugu hamw n’abahunz turafis ico twoterera

  • Ewe Burundi Ukomeza Gusimba Imanga!

    Bwabundi murabonye kwamaraso yabana babantu arimabi? Akayunguruzo karabitweretse karayunguruye ivyiza vyose vyaragiye TZ ibibi ntivyagiye TZ.
    Isoni zabana bu Burundi bagandaguye nama kudeta bakoze, tutibagiye kwica abantu bakoresheje kubaturira ntibazokwigera babironkana imigisha.

    Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Mumasahamakeya aheze mpejeje kunenya ko Kagame kwumva harikintu citwa ibiyago kuri leta yu Burundi nabandibarundi bose yaba abarimugihugu nabatakibamwo ko Kagame vyamubereye icago gikomeye vyamusinzikaje ngokuko bamabamubwira ngwacange igisirikare kimere nkico mu Burundi akumva yokwiyica kubera bagumabamubwira ko yogira igisirikare kimeze nkico mu Burundi Kigizwe namoko yose mubasoda bohejuru nabandi bafashanya.
    Ivyorero navyo birimuvyatumye yitanganyikacane mugushigikira bariya baribashatse gukubira kudeta ngokuko yariyi teguye gutangura kubwira abahora bamubwira ko nawe yocanga igisirikare mumpandezose ngo murabonye konabimwe vyogucanga igisirikare comuburundi kwatacobamaze? Ariko mwarabonye koyamaramaye bikomeye kugezanaho abamenyesha amakuru bamubajije kukibazo cuburundi asigaye acavuga ngo’ nimunyirekere jewe nimumbaze ivyomu Rwanda.

    Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Kubiyago bihuriwemwo nabarundi bose Kagame navyo abisutsemwo amahera atagira umubare ngokugira ntibiterimbere cane cane ngoko mugihevyoterimbere nawe amakungu nabagenzibiwe ngobohava bamubwira ko nawe akwiye kuyaga na naba Dr. Rudasingwa, naba Twagiramungu, nayamigamwe yose yabanyarwanda igera kumirongo ikorera hanze.
    Nicogituma yahaye udufaranga kakarwi karongowe na JMinani kugira kayakwiragize muribaryabose batumiwe kujamwivyobiyago ngontibavyitabire.

    Harihorero abarahiye bararengwa baravugako ayomahera azohera atariko uburundi buzokwamaho bati turarabaneza tugabanye ubujuju bwoguhendwa nabobodusumvya ubwenge badukwegesha akagozi nkimbwa nashebuja.

    Nicogituma mwaraye mubonye bamwe bariko barabatuka ngontibaribajwiye kuvyitaba, ariko Ntibantunganya yabaye uwambere mukudahumugingo ayomahera nabandibantu beshi bagwiriyemwo abomumugambwe waba MSD.

    Mwibukeko hariho numuntu yitwa Pancrace Cimpaye yihaye kuvugira abatunti ngo nibakeya bagiye mwabiryabiyago birikobirabera TZ kiryasikindi cabimutumwe nukubera ayomafranga nababwiye bahawe nurya mututsi mubi womubiyaga binini Kagame harya Pancrace yashatse kumwereka ko amafranga abaha adapfa ubusa bayakoresha mugusenyagura u Burundi gusenyura uburundi navyo Kagame bikaba aribintu yumva bimuryohera cane.

  • kumbure hariyo abantu 83 ndumva abo bahagije. naho niboba isinzi ibiti ntibizovaho bubakwira, kandi abazabura ibiti bazabandanya badadaza. ahubwo ubutaha bazabe ari 5 gusa.

  • Nivyiza gose kubona mkapa yashoboye kugondoza uwo murwi wabihevyi wa nkurunziza ukemera kwitaba ibiganiro bidakumira kandi bibereye hanze y’uburundi ubu ngirango yankinamico yiwe Ngo nibiganiro vyo mugihugu hagati ntizongera kuvugwa kanatsinda ngwikinyoma kimara umusi ntikimara umwaramo ico twosaba umuhuza nuko yohakikishako atumiye aberwa nikibazo Bose atanumwe asigaye inyuma mubiganiro bizokurikira kandi tugasabako vyoba ibiganiro nyezina ahakuguma Ari imibonano mbere dugasabako imisi yokwongerezwa kuburyo abazitaba Bose bazovayo bahejeje burikintu cose ikindi dusaba umuhuza nuko yogondoza nkurunziza gukinjura mumaguru Masha kuko bigaragara ko ariwe akomeje kubangamira inzira yo kugarukana amahoro muburundi nkuko yabitanguye igihe ahonyangiye amasezerano yarusha nibwirizwa Shingiro ikindi dusaba umuhuza nukubwira nkurunziza nakarwi kiwe guhagarika amarorerwa yose bariko barakorera abanyagihugu atakirinze gusabwa ahatugasaba umuhuza ko inteko mvamakungu ko zorungikwa mumaguru Masha kugirango zikingire abanyagihugu kuko abantu baguma bagandagurwa kubwishi bapfungwa kubwishi banyuruzwa kubwishi baborezwa igufa kubwishi twipfuzako umuhuza yoba umushingantahe atarya umunwa nkuko nyakwigendera nyerere namandela babigenza kuko kutarya umunwa kwabo twarabonye ko vyagondoje buyoya yariyarigize akagarama ruganda ikindi nuko umuhuza yotera igitsure gikomeye nkurunziza mukumuhatira kwugurura amaradiyo yugaye abanje guturira bidatevye no kumuhatira kureka amashirahamwe yigenga agasubira gukora mumwidegenvyo tutibagiye gupfungura abantu Bose iyobava bakagera yapfunze aziza ivyiyumviro vyabo harimwo nabasirikare bifatanije nabarundi isinzi muguhagararira amasezerano yarusha

  • Ewe Burundi Ukomeza Gusimba Imanga !

    Iciyumviro nari mpaye abanywanyi banje hari aho nihenze murantunga.
    Kagame ni Peresident wahandi hemwe ntaco adutwaye. Ahubwo burya na CNARED ibonetse mubiganiro vyoba ari vyiza. Kandi burya bayihaye imyanya munama nshingamateka eka bamwe bakabagira ivyegera by’umukuru w’igihugu vyozanira amahoro abarundi twese.

    Ewe Burundi Ukomeza Gusimba Imanga !

    Umuhuza abandanye gukora neza kandi umukama Nyirikigongwe amwongerere ubwenge nubukerebutsi. Twebwe abarundi twese ntidukeneye turya tu dumbi dumbi nk’Imbonerakure.

  • ABARUNDI BISHAKIRA KWAMA ARABATEGETSI ESINTIMUHAGA GUTWARA MUZAGUHENDA UMUHUZA NGOMUFISE IBIBAZO REKAKUMUGORA TWARATOYE EMERA ABATOWE NKURUNZIZA TURACAMUTORA BAMURIRUKA

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Twamujeri nuraburaniwe hano turikoturirukanga nizinaryanje ngo turicisheko ivyiyumviro vyatwo ngokumbure nihovyogira inguvu.
    Mkuyumuntu yakoresheje izinaryanje asabira SINAHEAD koboyiha utubanza mubashingamateka abonajewe iryokosa norikora nkasabira inibanza abantubatabihawe nabanyahihugu!!!???
    Urabonango karadedembango narinohenze wewe uravuga ngowihenze kuvyiyumviro vyanditswe niyundimuntu ukavyiyitirira? Muragowe nukuri mushakegutwara igihugu amanyagihugu batabatoye mwongere nivyumuntu yiyandikiye navyo mucemubyiyitirira!? Mujeri zirahumiwe nka Kiranga!.

  • NAHO LOLILO YOBA YARAMWIGISHIJE KURIMBA NTIYOCA AYIMUTWARA KUBWENGE

  • Ivyovyosentakizovamwo Kukko Nkurunziza Numunyamitwe

  • Burundian nous sommes vraimment naif .si vous analyser l’histoire de la region negociaer n’a jamais ete un problem .mais toujours derriere les negociations chaque utilise a la dernierre munite une ruse pour tout prendre.
    surement que il ya un tres grand power exterieur d’afrique qui fait tout pour controller les grands lacs.
    En uganda,rwanda,congo mobutu,ils commencaient tjrs a faire des negociations mais entre temps cette puissance se chasse pour creer un chaos et faciliter a pour tout prendre.
    on dirait que l’objectif prencipal de cette puissance n’est ni la democratie ,ni le dilaogue mais plutot creer une situation ou on verra plus de millions de gens abandonnent le pays pour justifier a installer une dictature que eux veulent.
    mes freres vous parler de logique te de politiques il n ya en a pas dans cette region.
    - pourqoui les dialogues se finissent mal a cette region et aboutissent aux dictatures plus que d’autres regions?
    - parait il facile que hutu-tutsi s’entendent toujours mais finisse mal
    - QUI EST CETTE GRANDE PUISSANCE QUI NOUS FINISSE MAL AU MOMENT QUE ON PENSE DIALOGUER LES REALITES???!! BELGIQUE ,USA,BRITAIN,FRANCE,ISRAEL,EU….. A VOUS D’ANALYSER.

  • Wewe wiyita None? ushobora kuba warize kuko uzi gusoma no kwandika nabi ,nta bitekerezo ufite uracyari mw’icuraburindi ntiwumva ntunabona ,...wasanga ejo bakugize minisitiri!!!!!!! Perezida Kagame umukure mu mutwe wawe wuzuye IBIKOMA BIGAZE kuko ntabwo uzi ibyaha uba urakora .
    Bihanwa n’amategeko mbikumenyeshe gutuka umukuru w’ikindi gihugu.

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Wewe wamunyarwandawe wiyise Nkurunziza aime
    Urakihana kugira uzoshobore gusengera uwo Kagame wawe.
    Mbega wombarira ivyobintu wise IBIKOMA BIGAZE ukobavyita mukirundi? Kukosinamenye ivyarivyo?

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Wewe wamunyarwandawe wiyise Nkurunziza aime
    Urakihana kugira uzoshobore gusengera uwo Kagame wawe.
    Mbega wombarira ivyobintu wise IBIKOMA BIGAZE ukobavyita mukirundi? Kukosinamenye ivyarivyo?

  • Wowe wiyise None, uwo mwanda wanyu unuka muwugunemo mwenyine muwuvanemo president w’u Rwanda. ntaho ahuriye namwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.