IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi w’amatohoza mu (...)

Umuhuza Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi w’amatohoza mu Burundi

mardi 29 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu matati y’abarundi Yoweri Museveni amenyesha ko agiye kurungika umurwi wigenga ukora amatohoza ku bibera mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije ariko yugurura ibiganiro bihuza abarundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 i Entebbe mu Buganda,Yoweri Museveni yasavye impande zose guhagarika ubwicanyi.

Yoweri Museveni yavuze ko abanyafrika bategerezwa guhagarika gukina kandi ko ubwicanyi butegerezwa guhagarara,kandi ko nk’umuhuza azorungika umurwi wigenga ukora amatohoza ku bafise uruhara mu bwicanyi bubera mu Burundi.

Yoweri Museveni yagenywe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ngo abe umuhuza mu bibazo vya politike biri mu Burundi,kuva inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD utoreye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.