IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenyezi wa Mandela yashize ahabona itangazo

Umukenyezi wa Mandela yashize ahabona itangazo

mardi 18 Ruheshi 2013

Mw’isengero ryitwa Regina Mundi y’i Soweto, uwariko arahereza imisa ku munsi w’Imana, Padiri Sebastiano Rossouw yasavye abakristu baho gukurikira indoto z’uwo bita umuvyeyi wabo Nelson Mandela mu gihe amaze iminsi icumi mu bitaro, ariko amagara yiwe akaba yifashe neza ubu.

N’aho hari hakanye cane, abakristu bo mw’idini rya Katorika, ntibigeze bacika inkokora kuko bagumye bariko barasengera imbere ya Regina Mundi kuva igihe c’isaha zitatu z’igitondo. Kuri uyu wa 16 Ruheshi rero, bariko baribuka abasize ubuzima i Soweto hari kuri iryo genekerezo nyeme mu mwaka w’1976, aho urwaruka rwariko ruriyamiriza akarenganyo kariko karaba mu mashure, aho abirabure agateka kabo kacinyizwa muri ico gihugu, muri uyo mwaka nyene urwaruka isinzi rwararashwe n’abapolisi, abatari bake barahasiga ubuzima.

Imyaka 37 irarangiye iryo bara riguye, akaba arico cari cazindukanye abakristu gushimagiza Nelson Mandela, we yabakuyeko agacinyizo bagiriwe n’aho amagara yiwe atifashe neza. Igice kinini c’amasengesho yo kuri uyo munsi cari cerekeye ugusabira Nelson Mandela yari amaze indwi zibiri zose arwariye mu bitaro vy’i Pretoria kuva igenekerezo rya 8 Ruheshi uyu mwaka, bakaba bariko basaba Umukama ngo akize umuvyeyi wabo. Muri ico gisabisho kandi, indirimbo ziri mu rurimi rw’ikizoulou nizo zasamiranye mu kiringo c’amasaha atatu. Kuri uyo munsi kandi, umukuru w’igihugu Jacob Zouma yarashimiye abanyagihugu bose bagize ico bafasha kugire intwaro y’agacinyizo irangire muri ico gihugu, aca yongera amenyesha ko uwahoze ari umukuru w’igihugu cabo Nelson Mandela ubu ariko aratora mitende ati haraheze iminsi ibiri.

Uwundi kandi yashikirije akajambo abo bakristu bariko baraserngera Mandela, ni umupfasoni wiwe Graça Machel, aho mw’itangazo yashize ahabona, yashimiye abantu bose babafashe mu mugongo, bakabaterera igisabisho ndetse bakabereka urukundo, umunezero n’ukubatera intege.
Inyuma gato yahariko harabera ivyo bisabisho, abari mu mugambwe uhurikiyemwo Nelson Mandela ANC, bariko baribuka abantu bose bahitanywe n’intwaro mbi ya apartheid.

Abari bakoraniye hamwe rero bo mu mugambwe ANC, bari bafise amajambo ahambaye abiri bagomba gushikiriza abariko barasenga, ijambo rya mbere ryerekeye ibijanye n’ukugabura amatongo abazungu b’aborozi bari barihagiye, ikindi naco, cari cerekeye amagara ya Mandela, ubu yifashe neza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.