Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica
 Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica
 Umukinyi w’amareresi yashwanye n’umugore wiwe aca aramwica
				
				samedi 24 Rusama 2014
Umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za amerika aherutse gufatwa n’igipolisi c’inyamiramabi kimwagiriza icaha co kwica umugore wiwe. Michael Jace ntahakana icaha.
 
Nk’uko amakuru atangwa n’ikinyamakuru People co muri Reta zunze ubumwe za Amerika kibivuga, umukinyi w’amareresi Michael Jace yarashe amasasu menshi umugore wiwe April Jace w’imyaka 40. Yaciye yihamagarira wenyene igipolisi. Niko gusanga ikiziga c’uwo mugore carashwe amasasu menshi.
Amakuru yavuye mw’itohoza yemeza ko April Jace yari yamye gutembera n’abana,  basiga Michael wenyene muhira. Uwo mugore atahutse yoba yavuganye nabi n’umugabo wiwe ari nakwo kumesukako amasasu menshi agaca yitaba Imana ubwo nyene.
Mwomenya ko uwo yishe umugore wiwe, Michael Jace, ari umukinyi w’amareresi azwi cane mw’ireresi "Planete de Singes" n’ayandi mareresi bita "series Policieres"
Cherif Nkeshimana

Messages
25 Rusama 2014, 20:48, par Remesha remy dreva
Usanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhirUsanga yagize ishavu yuko basohokanye n’abana gusa bakamusiga wenyene.abagore rero mwirinde kuja murasohoka mwenyene musize abagabo muhira