IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu amenyesha ko umugambi wo kuvuza abana ku buntu (...)

Umukuru w’igihugu amenyesha ko umugambi wo kuvuza abana ku buntu uzobandanya

mercredi 30 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira umugambi wo kuvuza abana batarakwiza imyaka itanu ku buntu ubandanye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015 ari mu ntara ya Gitega,umukuru w’igihugu yavuze ko uburyo bwo gukora iciza nkico cokuvuza abana butazobura.

Muri ico kiganiro,umukuru w’igihugu yavuze ko naho ata mugambi uryohera bose,hashinzwe umurwi ukurikirana ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi,mbere ko naho hari abiba imiti yagenewe uwo mugambi ubushikiranganji bw’intwaro ibereye buriko burakora kugira abokwagirwa bahanwe.

Ku bijanye n’ahazova uburyo bwo gushira mu ngiro uwo mugambi,umukuru w’igihugu yavuze ko bibaye ngombwa Reta izofata amadeni kugira uwo mugambi ugende neza,ariko ayo madeni azorihwa. Yavuze ko gufata ideni ku neza y’umuryango ata kibazo biteye.


IGIHE

Messages

  • Ese buriya ninde wamuha ideni?

  • Uzubavuza utabagaburira ntacho bimaze baze ureke ubugome hama ubone kuvuga,??????

  • Azi guta igihugu mu manga mugufata amadeni uwomugambi twawuhinyuy nikugira afate iDeni ryishi acashira mumufuko wiwe nakakarwi kiwe vyitwe yuko arivyogufasha

  • mbega mwantuvyamw muzuguruk mumutwe ryar? ereg ury numugab mugihugu muravye nab muzorwar imitim cank ihahamuk kand agat gateretswe ni mana ntigahenurwa numuyaga igihugu kir mwintwar pee kaz roh muzoshikirwa

  • ARABAVUZA UKONGERA UKABICA,NTACO BIMAZE EWE NKURUMBI GEZAHO.

  • komera mutama, twebwe ngaha mugisagara cakabiri cuburundi. igitega turi inyuma yawe 100%

    turashima iterambere waduhaye ngaha igitega ubu:

    - amakaminuza nimenshicane yaba ayigenga canke ayareta

    - ibisagara. birenga 10 watwubakiye kubuhinga bwanone. vyatumye umuji. wagitega. wakaka kuburyo bwuko ubu. gitega isigaye. ari. igisagara. gihurumbigwa

    - ubu. amabarabara. nkayose mugisagara cagitega arimwo ikaburimbi

    - isokoyagitega warayubatse kuburyo bugezweho. bwakijambere
    nibindi. vyinshi. cane umuntu atodondagura ngo aheze

    ariko naho biri uko turakwingize. mutama. utwubakire. stade igitega. igezweho. nkirya wubatse ingozi hanyuma. wongere ushiremwo ikaburimbi mwiryo. barabara riva kuri Hotel HELENA rigenda kuri stadenkuru ya GITEGA hanyuma. ukwiragize amatara kumabarabara umuji. wose wagitega mbere bishobotse. wagure gatoyi. iryobarabara riva kuri Hotel HELENA. rija ibujumbura. mugire auto. route. ihera ibwoga ( E .T.P gitega). gushika centre ville gitega.
    murakoze Imana ibaje imbere murivyose.

  • IMANA IMUHEZAGIRE ICO MPA NABAKEBA TUKAVYUMVA KUMWE

  • INDIRIMBO YA CNDD INGABO Z IGIHUGU KIRIMWABAGABO

  • hasigaye abana bangahe wo vuga imfuvyi nabasigaye bazozanwa nande ko ba se bari mumvuto banyina nabo birwa barayererana ikapu babagemuriye nuwo mukuru wigihugu tutazi iyo aba na rwiwe yinyegeje mubushinwa ewe mana utuma hakiri abana bavukira iburundi...........

  • Nyakubahwa mukuru wi gihugu, uwomugambi nimwiza, ariko ntukorwa namadeni! ukorwa nubutunzi buba buri mugihugu. nagomba mbaze mwinjiza amamiriyaridi yangana gute kumusi? canke kukwezi ? icogikorwa kirahambaye, abanyagihugu nibo bazohabonera mukudugirizwa kwamatagisi yu murengera. abagwiza tunga batangure guhungira hanze gukorerayo. amadeni namadeniiii, iyuba wa tangaza ati kukwezi twimbura utugunguru twibitoro 20,0000 aho woshoboye nonukwo jewe ndakwita kubesha abantu. murakoze .

  • nakare umugabo atarya ideni abarigisuma. gikuru nuko uwo mugambi uzogenda neza nideni rikarihwa

  • je demande les chretiens qui vont prier a leur eglise cette nuit d’amener ensemble le drapeau du burundi avec eux et prier contre tous les espris qui ne sont pas de Dieu .comme on le fais en afrique du sud
    Que DIEU SOIT LOUER IN JESUS NAME .AMEN.

  • Biraboneka ko har’abamufitiye ishari. Ariko buriya Imana yamuyoboye ubwa mbere agashobora kuduha uburyo bwo kuvuza abana bacu ku buntu, n’ubu ntaho iraja. Abo bashaka kumuvuz’imikomo n’intashima. Abari hanze bo ndabumva kuko ababo bavurirwa mu Bubiligi, mu Bufransa n’ahandi. Jewe ubwanje ndamushigikiye 100%. Intumva zizopfana iminihiro. Ivyo mwihaye vyo gukamish’intambara, mumenyeko amase ya kera atagihom’urutaro. N’abari hanze ni bahunguke tucubake, atar’ivyo naho, "Ishavu ry’imbwa riherera ku kuzungagiz’umurizo" kandi "inzigo y’inyo ntimen’isi".

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.