IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yiteguriye kubonana na François Hollande

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yiteguriye kubonana na François Hollande

dimanche 10 Ntwarante 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarafashe indege ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura ku muhingamo wo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2013,yafashe urugendo ruzomushikana I Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa.

Muri urwo rugendo bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azobonana n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande, baganire ku bijanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu bibiri barongoye, azobonana kandi n’abandi bategetsi harimwo umukuru w’inama nshingamateka y’Ubufaransa inyuma yo kuja mu nama nshingamateka.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi azobonana kandi n’abarwizatunga b’abafaransa bakorera muri Afrika y’abirabure,Pierre Nkurunziza azobonana kandi n’abarundi baba mu gihugu c’Ubufaransa bazoganira ahanini ku bijanye n’ubuzima mu Burundi.

Umukuru w’igihugu arategekanya kandi kuja I Dubai, azoba agiye mu nama iraba ivyo indero itegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2013.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoba ari m’Ubufaransa kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 14 Ntwarante 2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.