IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye abanyeshure gusubira kw’ishure

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye abanyeshure gusubira kw’ishure

jeudi 1er Rusama 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye abanyeshure bo muri kaminuza za Reta gutera intambwe basubire mu vyigwa, maze ibindi bibazo babiganire ariyo bari. Ptero Nkurunziza yabishikirije mw’ijambo ryo kwipfuriza abarundi umunsi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi.

Ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza kimeze nk’icadindiye cabaye akayobera abahinga, kuko hibonekeza ukudadaza hagati y’impande uko ari izibiri, urwa Reta n’urw’abanyeshure. Inyuma yaho ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 30 Ndamukiza, abanyeshure bo mu makaminuza basubiriye kwandikira umukuru w’igihugu bamusaba ko yofuta ingingo ya 24 ivuga ko umunyeshure asubiyemwo umwaka atazosubira kuronka agafashanyo ka Reta, Petero Nkurunziza ahubwo yahamagariye abo banyeshure gutera intambwe nabo baje mu mashure hanyuma ibiganiro bitangure.

Mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yagize ati : "Ndaboneyeho akaryo ko gukebura abanyeshure bo mu ma kaminuza bari muri yegereyegere, turabinginze mutere intambwe, mugaruke mu vyigwa, maze ibindi bibazo tubiganire muri ku mirimo. Kazoza kanyu n’ak’igihugu kabahanze amaso."
Umukuru w’igihugu c’Uburundi abandanya avuga ko abarundi bose bari ku kivi si kubera bafise ivyo bipfuza vyose, ahubwo avuga ko ari uko bazirikana uko igihugu cifashe, bagashima ivyo bagezeko, Reta nayo ikarondera ibindi bakabironka uko igihugu gikora gitera imbere. Abandanya agira ati : "Iibibazo abarundi dufise bizotorerwa umuti cane cane mu gukunda igihugu no kugikorera, atari mu bunebwe, no kwicara, ahubwo ni ugukovya tugakora, tukiga n’ingene twobivamwo, atari uko, vyose tuzobibura dusigare twicuza."

Umukuru w’igihugu yarangije asaba umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi gusubira gutanga itariki yo gutangurirako ivyigwa, kandi ivyigwa bizoce bitangura kubazoba bitavye, maze abandi nabo bazobasanga ku kazi.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 12 Rusama, abo banyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS hamwe na kaminuza y’Uburundi bazoba barumanije amezi abiri baratashe iwabo bivuye kuri yegereyegere yatewe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu risubiramwo itunganywa gushasha ry’agafashanyo abanyeshure ba kaminuza bahora baronka.


Floxella Karire

Messages

  • None arya mahera asohoka gukoresha falcon ntiboyabaha induru zikahera! None ntiyofuta iyo ngingo

  • Nareke izonkinamico twazirambiwe nagendayigemwo naw numuryangowwe nabamwe bafukamyemunda igihug sibobiyita incabweng?atibagiye imbonerakure none kobavuakwaribenshi aba dd bamushigikiye yosobanura gute kwishure ryofunga kugezubu?
    Abantu mumushikira ahomurabona mumufashiki?umpundu mutamuhanura akenyere azaramure ibijju?nagende ibinivyotuzomwibukirako nkabagaza

  • Mon cher ami Alexis SINDUHIJE, comme je suis membre du parti MSD depuis sa création , j’ai découvert que tu n’étais pas digne d’être le Président de la République du Burundi depuis que tu t’es donné le pouvoir d’insulter les officiers Généraux d’un pays qui tu cherchait àdiriger. Ce qui c’est passé dernièrement découle de ta manque de maturité politique. Mon cher président de notre parti, rappelez la veille du désordre que tu as dirigé àBujumbura je t’ai dis que semer le désordre dans un Pays que nous contons diriger est une mauvaise option , tu m’as répondu avec arrogance que le pouvoir des HUTUS ne doit pas continuer dans la tranquillité. Rappelez vous que un autre compatriote proche de vous vous a dit aussi que la lutte politique ne devrait pas être fondée sur une idéologie de ségrégation ethnique, tu lui a répondu qu’il n’y a pas de HUTU qui peuvent nous élire , et pourtant le Burundi n’est pas pour une seule ethnie des TUTSI.
    Nous qui sommes dans le Pays et qui ne soutiennent le désordre fondé sur la ségrégation ethnique, alors que nous nous souvenons du passé des années 1965,1969,1972,1988,1993,2003 nous nous insurgeons contre la politique divisionniste , nous voulons vivre en harmonie avec nos frères HUTUs, je lance un appel àtous les politiciens burundais de se désolidarisé avec les gens qui cherchent ànous entrainer dans des situations de violence . c’est le moment de développer notre pays , et d’ailleurs la démocratie n’est pas le désordre.

  • Si le président est le père des barundi comme nous le savons,ne faudrait-il pas rectifier ce decret pourque les enfants du Burundi ne demeurent pas dans la rue? Même nos frères qui sont dans des écoles secondaires peuvent être décourgés puisqu’ils voient qu’ils vont nul part!! Je conseil même aux étudiants de réaliser ce qu’ils voient être necessaire sans oublier de les remercier du comment ils se sont comportés lors des moments difficiles.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.