IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yaganutse ava mu rugendo mu Buyapani

Umukuru w’igihugu yaganutse ava mu rugendo mu Buyapani

mercredi 5 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaganutse mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu ava mu rugendo yari amazemwo imisi itanu mu gihugu c’Ubuyapani, aho yari yitavye inama mpuzamakungu y’abakuru b’ibihugu vya Afrika, itunganwa uko imyaka itanu itashe n’igihugu c’Ubuyapani.

Muri iyo nama iba y’itabwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yitaho iterambere rya Afrika itunganywa haraheze imyaka mirongo ibiri barabira hamwe iterambere kw’isi, Afrika irabira hamwe iterambere rirama ryoteza imbere abanyagihugu bakitegurira imigambi y’abo batarinze kuzera inze. Amafaranga y’amadolare agera ku miliyaridi 32 akaba ariyo yemerewe Afrika mu kiringo c’imyaka ine kugira afate mu mugongo imigambi y’iterambere, tukabamenyesha ko imigambi y’iterambere rusangi ry’abanyagihugu ariyo izorangurwa mu Burundi.

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yamenyesheje ko Ubuyapani n’amakungu bashimishwa n’imigambi igihugu c’Uburundi cishikanyeko, aho mu myaka itanu gusa hubatswe amashure agera ku bihumbi bibiri n’amajana umunani, ibitaro n’ibindi bikorwa, ivyo vyose bikaba vyavuye mw’ishaka no gutahura kw’abanyagihugu ko iterambere riva mu gukura amaboko mu mpuzu. Yibukije ko amakungu akurikiranira hafi ibikorwa vy’Uburundi, ari naco catumye atahukana agashimwe yahawe n’ishirahamwe AFRIJAPAN-AFRICASIA, agashimwe kitiriwe « indongonzi mu bikorwa vy’iterambere rusangi »

Yakengurukiye abarundi bategereye ko akimuhana kaza imvura ihise, bakijukira ibikorwa batarinze gutege amaso imfashanyo, gutyo n’uwofasha akabasanga ku kivi batabaye bararera amaboko. Ntiyibagiye gukengurukira abarundi babandanya gutera iteka igihugu mu makungu, bakizerwa mu mabanga y’agaciro nk’umupfasoni Lydia Nsekera aheruka kugenwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA kw’isi yose, agashirwa mu rwego nyobozi. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi cahora citwa ic’ubukene n’intambara gishobora kubera akarorero ibindi bihugu mw’iterambere, aho n’abanyamitahe bagizohurumbira.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura yarangije aremesha abamenyeshamakuru ko batocibwa intege n’itegeko rigenge umwuga wabo ryaraye ritowe, ko ritabaye irya mbere itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru risubirwamwo mu Burundi, kanatsinda ko n’amategeko agenga iyindi myuga yose mu Burundi no mu makungu yama yasubiwemwo agatosokorwa. Yabemereye kuzokwama baja inama n’ingingo mu gihe cose hazoba habonetse akanenge, ikiyago naco kigahabwa ikibanza c’imbere.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.