IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye uwuserukira Iran mu Burundi

Umukuru w’igihugu yakiriye uwuserukira Iran mu Burundi

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yahaye umubonano kuwa gatatu igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2013 uwuserukira igihugu ca Iran mu Burundi, Amir Hosein Nikbin akaba afise icicaro mu gisagara ca Kampala mu gihugu ca Uganda.

Uwo mushitsi w’iteka yari yazaniye umukura w’igihugu amakete amugena mu mabanga yo guserukira igihugu ca Iran mu Burundi. Abo bategetsi bompi baganiriye ku bucuti buri hagati y’ivyo bihugu bibiri kuva mu mwaka w’1985.

Kabaye n’akaryo k’umukuru w’igihugu c’Uburundi ko gushimira igihugu ca Iran, biciye kuri uyo agiserukira, ku ntererano batanze mw’itunganwa ry’ihuriro ry’abafasha Uburundi mw’iterambere ryabaye mu kwezi kwa Gitugutu kw’umwaka uheze, i Genève.

Uwuserukira igihugu ca Iran yakeje umukuru w’igihugu, Nyenicubuhiro Petero Nkurunziza ku ntambwe agezeko mu kumbatira amahoro. Yashimiye Uburundi ku ntererano butanga mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu bikiri mu ntambara.


Egide Nduwimana

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.