IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko rishiraho umurwi CNDI

Umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko rishiraho umurwi CNDI

jeudi 24 Nyakanga 2015

Umukuru w’igihugu yashize umukono kw’itegeko rishiraho umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y ‘abarundi CNDI.

Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/34 ryo kuwa 23 Nyakanga 2015,umukuru w’igihugu amenyesha ko umurwi CNDI wegukira ibiro vy’umukuru w’igihugu ukagira icicaro mu gisagara ca Bujumbura.

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi,ufise ikiringo c’amezi atandatu yongerezwa,ukaba ugizwe n’abantu cumi na batanu bava mu bisata bitandukanye vy’igihugu.

Abo nabo ni batatu bava mu mashengero ,batatu bava mu migambwe iri mu nama nshingamateka na nkenguzamateka,babiri bava mu migambwe idafise abayiserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka,babiri bava mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Abandi bagize uwo murwi ni umwe aserukira ubwoko bw’abatwa,umusirikare,umupolisi,umucamanza,hamwe n’umwe ava mw’ihuriro ry’urwaruka. Aba bose bategerezwa kuba ari abarundi.

Iryo tegeko rivuga kandi ko umurwi urongorwa n’umukuru wawo,icegera ciwe hamwe n’umunyamabanga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.