IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yo mu karere ka Afirika y’ubuseruko ari mu (...)

Umukuru w’inama nshingamateka yo mu karere ka Afirika y’ubuseruko ari mu Burundi

lundi 21 Nzero 2013

Umukuru w’inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko umukenyezi Margaret Natongo Ziwa yarakiriwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’u Burundi Pie Ntavyohanyuma kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nzero 2013.

Umukuru w’inama nshingamateka y’u Burundi,umushingamateka Pie Ntavyohanyuma yarakiriye umukuru w’inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko EALA,umupfasoni Margaret Natongo Ziwa kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nzero 2013.

Intumbero y’urwo rugendo rero akaba aje kurongora inama izohuza abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko izobera i Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 22 Nzero gushika kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2013.

Mu biri k’urutonde bizokwigwa harimwo ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere hamwe no gukoresha neza ubutunzi kama.

Tubamenyeshe ko ibikorwa vy’iyo nama bizokwugururwa kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2013 n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.