IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yarishikiye mu bikorwa (...)

Umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yarishikiye mu bikorwa rusangi

dimanche 20 Nzero 2013

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero 2013,umukuru w’umugambwe CNDD-FDD umushingamateka Pascal Nyabenda yarifatanije n’abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyabereye ku kiraro gihuza komine ya Mpanda na Rugazi zo muri iyo ntara.

Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda yarifatanije n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi vyo kuri uno wa gatandatu vyabereye ku kiraro gihuza komine ya Mpanda na Rugazi zo mu ntara ya Bubanza,akaba yakiriwe mu munezero ntangere.Ivyo bikorwa bikaba vyari ivyo kwegeranya amabuye azokoreshwa mu gusanura ikiraro co k’uruzi Nyakiraba kiri hafi yo gusiduka.

JPEG - 89.8 ko

Mw’ijambo ry’ikaze,musitanteri wa komine Rugazi umushingantahe Nkundwanabake Gilbert yarashimiye ishirahamwe SAVONOR ryemeye gufasha gushika ku rugero rwa 80 kw’ijana mu bikorwa vyo gusanura ico kiraro,akaba kandi yavuze ko hakenye imbaho zizokoreshwa mu gusanura ico kiraro.

Afashe ijambo, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD akaba yarashimiye abanyagihugu kubona baritavye ivyo bikorwa vyo kwegeranya ibikoresho ari benshi.Akaba yaciye asaba abanyagihugu kwongereza inguvu kugira ibikoresho bizoboneke mu mwanya muto.Akaba yaciye aboneraho akaryo ko kwemerera abanyagihugu ko we ari nkumwe n’abandi bashingamateka batowe mu ntara ya Bubanza bazokora ibishoboka vyose kugirango ibarabara rihuza ayo makomine abiri ribe ryiza.

Umushingamateka Nyabenda akaba yaciye atera akamo abanyagihugu bo ku mitumba ya Musenyi na Kirengane yo mu makomine ya Rugazi na Mpanda kubunga amahoro n’umutekano kuko arivyo mushinge w’iterambere rirama.

Mu kurangiza, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yaribukije abanyagihugu kwama bitaba ibikorwa rusangi ngo kuko arivyo vyatumye hinjirwa inyubakwa nyinshi mu gihe twahimbaza imyaka 50 iheze u Burundi bwikukiye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.