IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru akorera Bonesha mu ntara ya Bururi yarahohotewe ari ku (...)

Umumenyeshamakuru akorera Bonesha mu ntara ya Bururi yarahohotewe ari ku kazi kiwe

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Alexis Nibasumba akorera radiyo Bonesha FM mu ntara ya Bururi avuga ko yakubiswe arababara n’urwaruka rw’Imbonerakure zegamiye umugambwe CNDD-FDD. Avuga ko bamukubise ariko ararondera inkuru ku vyerekeye amatora y’ihuriro ry’abakenyezi kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2013.

Alexis Nibasumba avuga ati ’’ Hari nk’igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo, nari mpejeje kuronka inkuru imbwira ko abakenyezi baturuka mu mugambwe CNDD-FDD bariko bagira inama bari mu ngoro y’umugambwe mu gisagara ca Rumonge mu ntara ya Bururi imbere y’uko baja gutora abakenyezi batanu bazoja mw’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rwa komine. Haheze akanya ngeze mw’ibarabara imbere y’iyo ngoro, haciye haza urwaruka rutari ruke rwo muri uwo mugambwe hanyuma rumbwira ngo ndahave. Nanje naciye ndababwira ko ndi mu kibanza kigenewe bose hagati mw’ibarabara. Ndabasaba icanditse kugira ndahave hanyuma baca batangura kunkubita bambwira ngo ndeke gutohoza iyo nkuru. Naciye ntemba hasi ndata ubwenge, mu nyuma nisanga ndyamye hasi amatelefone yanje yasanzaye umunwa wavyimvye cane abankubise bamaze kwigira ariko narashoboye kubonamwo urwaruka nzi rwo mu mbonerakuru zegamiye umugambwe CNDD-FDD. Ntakindi bampoye atari akazi kanje ko kurondera amakuru’’.

Naho biri uko, Alexis Nibasumba amenyesha ko atarota atinya gukora umwuga wiwe wo kurondera amakuru. Avuga ko atari irya mbere agirwa ko iterabwoba n’abantu atazi canke azi bamubwira ko yoreka gukora amakuru yerekeye umugambwe uri ku butegetsi.

Uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure ku rwego rw’igihugu Denis Karera ntaco ashima kubivugako.

Barabiter’ivyatsi

Umuyobozi w’iradiyo Bonesha FM Patrick Nduwimana amenyesha ko bibabaje kubona umumenyeshamakuru akubitwa agaterwa ubwoba kandi ariko arakora akazi kiwe yemerewe n’amategeko. Asaba urwo rwruka kwikebuka rukubahiriza agateka k’abandi kuko bitebe bitebuke ivyo bakora bazobibazwa mugihe kizoza. Patrick Nduwimana ahamagarira abajejwe urwaruka rw’imbonerakure ku rwego rw’igihugu kubahiriza amategeeko hanyuma bagatoza indero nziza na discipline urwo rwaruka.

Patrick Nduwimana yibutsa ko atamuntu n’umwe ari hejuru y’amategeko, asaba ababijejewe gukora amatohoza kugira abakubaguye uwo mumenyeshamakuru bahanwe hisunzwe amategeko. Asaba uwo mumenyeshamakuru kwitwarira mu butungane abamuhohoteye bakamusinzikariza ubuzima.

N’urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rumenyesha ko rubabajwe n’iyo ngendo yasubiriye yo gutera ubwoba no guhohotera abamenyeshamakuru bari mu kazi kabo ka minsi yose. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ asaba abamenyeshamakuru kudatinya ubwoba ahubwo ngo vyobaha inguvu mu gukora akazi kabo ariko bakisunga amategeko abagenga. Nawe nyene asaba abarongoye urwo rwaruka kurusubirako bakagwigisha kubahiriza amateka n’amategeko y’igihugu. Avuga ko umumenyeshamakuru atari umwansi w’umuntu n’umwe. Ahubwo ngo ni ijisho n’ugutwi kw’abanyagihugu n’ubutegetsi kandi ngo ni ikiraro gihuza abatware n’abatwarwa.

Urwego rwa Reta CNC rujejwe gucungera ingene amakuru atangwa narwo nyene rwamenyesheje ko rutewe umutima uhagaze n’ikubagurwa rt’umumenyeshamakuru Alexis Nibasumba akorera iradiyo Bonesha FM mu ntara ya Bururi. CNC imenyesha ko iteye ivyatsi kandi ibabajwe n’iyo nyifato yo guhohotera abamenyeshamakuru bari mu kazi kabo.

Mw’itangazo ryashizweko umukono na Pierre Bambasi arongoye CNC amenyesha ko ingingo ya 3 y’itegeko rigenga umwuga w’abamenyeshamakuru iha uburenganzira abamenyeshamakuru kurondera no gutohoza amakuru ahariho hose kandi bakayashikiriza mu bwigenge ntangere ata gitsure canke agahato.

Urwego CNC rusaba abanyagihugu bose hamwe na Reta kworohereza abamenyeshamakuru mukazi kabo. Rusaba abarongoye intara ya Bururi na komine Rumonge gukora amatohoza hanyuma abazokwagirwa n’ico caha bagahanwa hisunzwe amategeko ata gukingira ikibaba uyu canke uriya.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.