IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru wa Radio 10 apfunzwe yagirizwa uguhungabanya umutekano (...)

Umumenyeshamakuru wa Radio 10 apfunzwe yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu

samedi 20 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

IRAKOZE Gisa Steve, umumenyeshamakuru wa Radio 10- Buja FM apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva kuri uwu wa gatanu. Uwo mumenyeshamakuru yafashwe ku munsi wa kane, abanza gupfungirwa mu gasho ko mu Gatumba.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru yakuwe mu gasho ko mu Gatumba, akaba apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu.

JPEG - 15.9 ko
IRAKOZE Gisa Steve, umumenyeshamakuru wa Radio 10- Buja FM

IRAKOZE Gisa Steve asanzwe avuka i Bubanza, ariko akaba afise ubwenegihugu bw’Uburundi n’Urwanda aho yigiye amashure mato mato mato n’ayisumbuye, yafatiwe mu bunywero buri mu Kajaga, aho asanzwe aba.

Umuryango wiwe utewe amakenga n’iryo fatwa ryiwe, bagasaba ko bohabwa uburenganzira bw’ukuja kumuraba hamwe n’ukumugemurira ivyo afungura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.