IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunsi mukuru w’abakozi uzohimbazwa kuwa 2 Rusama

Umunsi mukuru w’abakozi uzohimbazwa kuwa 2 Rusama

vendredi 29 Ndamukiza 2016, par egide

Umunsi mukuru w’abakozi n’akazi wahora uhimbazwa kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2016 uko umwaka utashe, uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 2 Rusama muri uwu mwaka w’2016. Imvo n’uko igenekerezo ry’ihimbazwa ry’uwo munsi mukuru uwu mwaka rihuriranye n’umunsi w’akaruhuko kuw’Imana.

Nk’uko vyashikirijwe na Zéphirin Maniratanga arongoye umurwi ujejwe gutegura iminsi mikuru mu Burundi, umunsi mukuru w’abakozi w’uwu mwaka uzohimbazwa ku civugo « Dushire hamwe tugire urunani rw’intamenwa dutezimbere igihugu cacu »

Uwo munsi mukuru uzohimbazwa mu ntara zose, abaserukira Reta bakaba bazokwira mu ntara zigize igihugu c’Uburundi, kwifatikanya n’abakozi bazoba bariko bahimbaza umunsi mukuru wabagenewe, abashingamateka n’abakenguzamateka nabo bagasabwa kuzohimbariza uwo munsi mu ntara batowemwo.

JPEG - 101.7 ko
Zéphirin Maniratanga arongoye umurwi ujejwe gutegura iminsi mikuru mu Burundi

Abakozi bazohura igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, abo mu gisagara ca Bujumbura bakazohurira imbere y’ahakorera OTB (Office du Thé du Burundi), ibirori bikazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.