Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Australie : Umugabo akomeza kwiyita Yezu Kristu
 Australie : Umugabo akomeza kwiyita Yezu Kristu
 Australie : Umugabo akomeza kwiyita Yezu Kristu
				
				jeudi 18 Mukakaro 2013
AJ Miller, umunya Australia,akomeza kwiyita Yezu Kristu umucunguzi w’isi yose.Uwo mugabo yari umutumire uno musi mu kiganiro This Morning mu gihugu ca Australiya aho yamenyesheje ko we n’umugore wiwe Mary Luck, bari Yezu hamwe na Mariya Madalena. Yongeye aravuga ko bose bafise ibimenyetso vy’ukubambwa kwa Yezu kristu.
"Izina ryanje ni Yezu ariko, uko mboneka, abantu ntibibahumuriza kandi ntibanyita gutyo!" Nk’uko yabivuze, Aj Miller asanzwe aserukira umurwi w’amasengesho witwa "The Divine Truth" AJ Miller yasiguye kandi ko amenyereye agahemo n’ibindi bisa nako. "Ivyo vyambayeko kuva mu kinjana ca mbere gushika no mu buzima bw’uno munsi, ivyo turabimenyereye. Ico ngomba kuvuga n’uko abantu bokwumva ivyo mvuga, bakareka kubitwengana agahemo."
Arongera kandi ati : "Mfise ibimenyetso biboneka vy’ubuzima bwanje bwa kahise, mfise ibimenyetso vy’ubuzima bwanje bwose mu myaka 2000. Ivyo bimenyetso vyaraboneka gushika ku myaka 40. Naramaze ibihe birebire niyumvira ko vyoba ari indoto, ariko nkomeza kubibwira abantu kuva ndabikoze, haraheze imyaka cumi.
Ukwerekwa nk’uko gutuma atagitangaje ku basanzwe bakoresha umuhora wa Internet. Umumenyeshamakuru Sali Hugues muri ico kiganiro yagize ati :"Muri kumwe na Yezu Kristu mu kiganiro This Morning, umugore wiwe nawe ni Mariya Madalena. Uwundi muntu akoresha umuhora wa Internet yanditse ati : "Nturi Yezu Kristu, uri umuntu w’umugabo nk’abandi, w’imishatsi miremire hamwe n’ubwanwa nk’abandi bagabo bose."
 
- Aj Miller n’umugore wiwe Mary Luck biyita Yezu na Mariya Madalene
Prosper Ndayikeza

Messages
6 Rusama 2016, 15:14, par Niragira James
UMUPFU NTIYINUKIRA WABONYE WEWE TUNGANYA GUCUMURA KO WO NCUNGURA?
29 Nyakanga 2016, 09:06, par emmanuel
ntibitangaje nigihe ciherezo!muragowe ko muzimiza.gezaho!
19 Ntwarante 2017, 13:13, par COME Ndacayisaba
Yezu aravuga ati hazoza benshi kubayobesha banyiyitirira.uyo mugabo ndamuhakanye numugore wiwe nibagende.
14 Myandagaro 2017, 21:46, par NDUWAYEZU Emery
yezu Yarivuze Nezako Abantunkabo Bazohaba Ariko Ngigihe Ciwe Ntikizobakirashika.Ivyo Nkajewe Ntagitangaje Kirimwo.