IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Christine Ntahe yashikirijwe agashimwe "Kitiriwe umukenyezi w’intwari mu (...)

Christine Ntahe yashikirijwe agashimwe "Kitiriwe umukenyezi w’intwari mu 2013"

mardi 26 Ntwarante 2013

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 25 Ntwarante, umupfasoni Christine Ntahe yashikirijwe agashimwe n’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi. Kitiriwe umukenyezi w’intwari mu 2013.

JPEG - 56.5 ko

Incuti, abagenzi na bamwe mu bakenyezi b’imboneza bari bahimbawe n’ukubona Ntahe ashikirizwa agashimwe. Abari ngaho bose batanguye kumushingira intahe. Jeanne Gapiya Niyonzima, umupfasoni yitanze bidasanzwe mu kugwanya ikiza Sida, yarashimye kandi aremeza ko ivya Ntahe bisize ubwenge kubona akora ibidanzwe ata buryo aronka. Ni ko gusaba abatanga ubushimwe ko bokwiyumvira bakaja baratanga n’akabahasha kugira ngo bashobore kwiyungunganya mu vyo bakora.
Ico na Athanase Rwamo yagarukiye cane abana bo mw’ibarabara yagihimitseko.

Amaze kugaruka kuri bimwe muri make vyashitsweko n’uwo mukenyezi, umupfasoni Dawn M. Liberi, aserukira Reta zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi yamenyesheje ko ahimbawe n’uwo musi. Ni ko kubwira Ntahe ati : « Ukora iciza ukagisanga imbere.»

JPEG - 58.2 ko

Ku ruhande rwiwe, Christine Ntahe yamenyesheje ko ahimbawe n’uwo musi ati : Igihe niruka inyuma y’abana batagira agahuzu, batagira ico bafungura, barondera icorirenza ku mayarara mu za Buterere, sinari nzi ko uyu musi nzoshimirwa. Abantu benshi barambwira ngo aho nta soni ? Nzogira isoni umusi ntazokwereka urukundo abana, ntazobashira mw’ishure, ni yo nabirengagiza. »
Yatumiriye abandi bantu bose kugarukira ku bana bo mw’ibarabara, kuko babura ico bafungura hari ababisesa, abagenda gusa abandi impuzu ari umurengera.

Uwo mupfasoni arongoye ishirahamwe Bon Geste, amaze imyaka 34 aharanira agateka k’abana bo mw’ibarabara. Aho hose nta wumufata mu mugongo ku bijanye n’uburyo.

Mbere nta n’ibiro afise, vyose abikorera i muhira iwe, aho usanga na cane cane ku w’Imana abana barenga 40 baje gufungura, bakumva ko bisanze. Ni ho yaronse Izina rya Maman Dimanche.

Mu gitondo, naho afise imyaka itari mike kuko amaze igihe yarakukurutse mu kazi, arazinduka kw’ibarabara, akajabukana abana bagiye kw’ishure kugira ngo ntibahure n’impanuka.

Naho ata buryo bwo kwiyunguruza afise, ntikibuza ko ava mu Ngagara, akaja ku Buterere ku ruzuba, kuraba abana bo mw’ibarabara bagowe bariko baratora ku mayarara. Abatari bake yarabashize mw’ishure, kandi nta n’umwe arenga muri cumi ba mbere mu manota. Uwo mupfasoni yaragiye no mu bihugu duhana imbibe mu magume, agiye kuramutsa abana bo mu buhungiro kandi aho ntivyari vyoroshe hari mu magume.

Ntahe, ni we mupfasoni wa mbere yigoye mu rwego rw’abashingantahe.


Juste Bigirimana

Messages

  • Abantu nk’ aba bo birumvikana ko bakora ibintu birimwo urukundo mu gihe hari abandi bafasha abana ariko ica mbere baba babanje kwiyumvira ico bazobikuramwo: business. Mama Christine, félicitation pour cette reconnaissance au moins.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.