IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umupfasoni w’umukuru w’igihugu yaragarukiye ku banyagihugu bo mu (...)

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu yaragarukiye ku banyagihugu bo mu Gatunguru

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Nkurunziza yaragarukiye ku banyagihugu bo mu Gatunguru bahuye n’ikiza c’imvura yaguye kuwa 9 Ruhuhuma igahitana abantu n’ibintu. Denise Bucumi Nkurunziza yagiye yitwaje agaseke kagizwe n’ibitenge, amakara n’imyambaro y’ishure.

Inyuma y’imvura y’isegenya yaguye mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu misozi iri mu buraruko bw’igisagara, umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza yaratanze imfashanyo ku bahuye n’ivyago vy’iyo segenya mu Gatunguru. Iyo mfashanyo yari igizwe n’imifuko 200 y’amakara, ibitenge vy’abakenyezi hamwe n’imyambaro y’ishure ku bana biga mu mashure mato mato. Izo zikaba ziyongereye ku zindi mfashanyo zagiye zitangwa n’abagira neza, amashengero, hamwe n’amashirahamwe atandukanye, kuva ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, umunsi isegenya igwa igahitana abantu n’ibintu.

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu yarahumurije abanyagihugu bo muri ako gace, aho yabasaba ko borangwa n’umutima wo gufashanya, kandi abasaba kurema, birinde kwihebura. Imiryango myinshi rero ikaba itagira aho ikika umusaya, igice kinini c’imirima naco caratwawe n’imvura.

Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije hamwe no gukingira abanyagihugu indwara ziva ku mwanda, ubushikiranganji bujejwe ibidukikije bwatanguye kuziburura ibinogo vy’utuzu twa sugumwe mu bice vyatewe n’umwuzurira. Ico gikorwa kikaba catanguriye ku mavuriro hamwe no ku mashure.


Floxella Karire

Messages

  • God bless u!n have a Good life whit ur family!

  • Ngo bariko bazibura utuzu twasu rwumwe mwibuke ko kumupaka wu rwanda nu burundi iri ku gasenyi mu kirundo hateye isoni iyo umuntu akaneye kwi kwihagarika ni mpaka uje gutakambira abanyarwanda naho baguca 500fbu oya birateye isoni kandi iyo tuhacanye ibidandazwa turiha imisoro myishi

  • Ngo bariko bazibura utuzu twasu rwumwe mwibuke ko kumupaka wu rwanda nu burundi iri ku gasenyi mu kirundo hateye isoni iyo umuntu akaneye kwi kwihagarika ni mpaka uje gutakambira abanyarwanda naho baguca 500fbu oya birateye isoni kandi iyo tuhacanye ibidandazwa turiha imisoro myishi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.