IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umupolisi umwe yarishwe n’abagizi ba nabi

Umupolisi umwe yarishwe n’abagizi ba nabi

samedi 26 Nzero 2013

Mw’ijoro ryo kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Nzero 2013,umupolisi umwe yarishwe n’abagizi ba nabi muri komine Itaba yo mu ntara ya Gitega.

Hari mw’ijoro ryo kuri uno wa kane buca ari kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013,aho imodoka yo mu bwoko bwa Fuso yari ivuye kudandaza izoga za Brarudi yarwa mu mutego w’abantu batatu bitwaje ibirwanisho ku mutumba wa Kirambi wo muri komine Itaba yo mu ntara ya Gitega.

Abo bagizi ba nabi baciye bahura n’abapolisi bari mu bikorwa vyo gukizura baca batana mu mitwe.Umupolisi umwe akaba yaciye yitaba Imana uwundi umwe arakomereka.Inkoho imwe y’umupolisi yaciye itwarwa n’abo bagizi ba nabi mu gihe abo bapolisi nabo nyene bafashe inkoho imwe y’abo bagizi ba nabi.

Abantu batatu bakaba baramaze gufatwa kugira bagirweko amatohoza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.