IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI usaba makungu gushigikira amatora yimirije mu 2015

Umurwi CENI usaba makungu gushigikira amatora yimirije mu 2015

mercredi 23 Mukakaro 2014

Umurwi CENI usaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abasanzwe baserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, ko boshigikira mu gutanga amafaranga azokoreshwa mu matora twimirije yo mu mwaka w’2015.

Mu gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora azoba mu mwaka w’2015, imyiteguro irabandanya. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza yarakoranije inama ihurikiyemwo abasanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera hano i Bujumbura. hamwe n’ abategetsi bakuru bakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, abasanzwe barongoye umurwi ujejwe gutegura amatora CENI bose bari bitavye iyo nama.

Intumbero rero ikaba yari iyo guhimiriza abo basanzwe baserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, kugira bafashe mu guterera mu buryo mu bikorwa vyose biraba amatora. Umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko uwo murwi arongoye ujejwe gutegura matora, ukeneye uburyo bwinshi na cane cane mu vyerekeye ibikorwa bibiri vyihutirwa, ivyo navyo akaba ari igikorwa co kwiyandikisha ku bazotora (inscriptions au rôle d’électeurs) hamwe n’igikorwa co gusansuma abanyagihugu bose bafise imyaka yo gutora. Abo nabo baserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu bari bitavye iyo nama nabo, bemeye gushigikira amatora ariko basavye ko hobanza kuba icuka ciza hagati mu migambwe.

Tubamenyeshe ko umurwi wigenga CENI ukeneye amafranga angana n’imiriyoni 60 z’amadorari kugira bishoboke, ategure amatora yo mu mwaka w’2015.


Floxella Karire

Messages

  • PRESIDENT YAVUZE KO AMAKUNGU ATACO AMAZE NDIZERA KO ZA USINE ZA MANANASI HAMWE NIBITI BAGIYE BARADANDAZA NI BIVUKO BITOBURAMWO AMAHERA YO KWITEGURIRA AMATORA.
    TURITEGUYE GUHAMAGARA ABANYAGIHUGU BOSE BARI HANZE GUHAGURUKA TWIYAMIRIJE IBIBI BIRIKO BIKORWA IBURUNDI KUKO TWEBWE NTITUZOBUZWA NKUKO BABIGIRA I BURUNDI REKA NATWE TWA DIVOCATING IN OUR BURUNDIAN COMMUNITY AND WE WILL SEE HOW THEY WILL STOP AS LIKE WHAT THIER ARE DOING IN BURUNDI
    STOP DESTROW OTHERS POLITIC PARTIES
    STOP VIOLENCE OF COMMUNITY
    STOP KILLING PEOPLES
    LET PEOPLE TALK

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.