IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH nturatora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Umurwi CNIDH nturatora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

vendredi 5 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu uvuga ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yaronse amakuru ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.

JPEG - 155.7 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)

Uwo murwi wemeza ko wagiye mu ntara ya Muramvya, bashika ku nzu y’uwujejwe igendereza batamuteguje, baheza bamusaba kwinjira muri iyo nyubakwa.

"Twararavye iyo nzu, icumba ku kindi, hamwe no hanze mu kigo, ariko nta kimenyetso na kimwe cokwerekana ko Jean BIGIRIMANA canke uwundi muntu yoba apfungiwe muri ico kibanza twabonye."

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko bararondereye no mu bindi bibanza harimwo no mu busho bw’igiporisi, ariko aho bigeze, uwo murwi ukavuga ko utarashobora gutora irengero ry’uwo mumenyeshamakuru canke amakuru atomoye y’ubuzima bwiwe.

Muri CNIDH basaba igiporisi ko mu matohoza kiriko kirakora, coshira inguvu zikomeye kuri zone ya Bugarama, aho biboneka ko Jean BIGIRIMANA yanyikiye.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Uwatanze amakuru ku muryango wiwe yavuze ko yafashwe n’abakozi b’igendereza.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe. Uwo muntu yatanze ayo makuru y’ifatwa rya Jean BIGIRIMANA yavuze ko yahagaritswe n’abakozi b’igendereza, bari kumwe n’abajejwe intwaro, i Bugarama, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba abihakana.


IGIHE

Messages

  • None ko imodoka yamujanye yavuzwe plaque ni kuberiki batamubaza ba nyene iyo modoka, sibo bazi iyo bamujanye?

  • nimba umuntu yoba arongoye ugwego uru naruriya akitwaza gufunga umuntu yishimikije icari aho ntagaseseswa rumuri demokarasi ntayo kuko bibonekako hakora igitugu ariko ico nabona twoshirimbere kubaha ubuzima bwakiremwa mungu kuko kwica ntanyungu bizovamwo Atari amarira namaganya mubonse rimwe .nubwo cndh uvugako wabuze nukuvugako atacizere kiriho kumuryangowe kuwabo akiri muzima twobira abobishikira kwizerimana yo gusa

  • Aliko Jewe Mbaza Imana Ni Bibe Ukwugomba

  • Emwe Mwaba Dd Mwanyoyamaraso Kera Uwo We Arabahumira Non Ga Mwari Muzi Ko Uwo Muvugizi Wigiporisi Yemera Ko Yamwicishije? Ababizi Numuryango Wiwe Ubu Uriko Uriyuha Iryosozi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.