IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB igiye gusubirirwa n’umurwi bise "Equipe pays"

BNUB igiye gusubirirwa n’umurwi bise "Equipe pays"

mardi 12 Munyonyo 2013

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyakorera hano mu Burundi,arivyo BNUB bigiye gusubirizwa n’umurwi mutoya wiswe “Equipe pays”. Aho ni mu gihe kuwa 15 Ruhuhuma 2014, Leta y’Uburundi iheruka gufata ingingo yo kwugara ibiro vya BNUB hano mu gihugu.

Kuri uyu wa 12 Munyonyo 2013, Leta y’Uburundi yasohoye itangazo, ibicishije m’ubushikiranganji bwayo bw’imigenderanire n’ayandi makungu, ko ishirahamwe mpuzamakungu BNUB igiye gusubirizwa n’umurwi mutoya wiswe “Equipe pays”.

JPEG - 37.7 ko
Kavakure Laurent, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshashuru, Laurent Kavakure, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yamenyeshejeshe imvo nyamukuru zatumye Leta ifata ingingo yo guhagarika BNUB gukorera hano mu Burundi. Kavakure yavuze ko ari uko bigaragara ko amahoro n’umutekano biriko biratsimbatara mu gihugu. Kandi vyongeye, iryo shirahamwe mpuzamakungu BNUB mu bikorwa vyayo yarijejwe yari ukugarukana amahoro mu Burundi. Ubu rero bikaba bitagikenewe cane kuko amahoro yagarutse mu gihugu. Uw mshikiranganji yagize kandi ati: “Ahubwo, hageze ko dushimikira ku bikorwa vy’iterambere kuko ata terambere, nta mahoro ashobora kuboneka kandi ni nkuko ata mahoro ahari ata terambere ryoboneka”.

Kubibazo vyagiye biragaruka muri ico kiganiro umshikiranganji yatanze, harimwo ikibazo kijanye n’impamvu Leta yirukanye iryo shirahamwe mu gihe ivuga ko izoguma ikorana n’ibiro vyayo. Ikindo kibazo cagarutse akaba ari icerekeye kumenya itandukanirizo rihari hagati y’ishirahamwe rya BNUB hamwe n’umurwi mushasha “Equipe pays” ugiye kurisuburira.

Laurent Kavakure yasiguye ko Leta itirukanye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kandi ko itahagaritse gukorana nayo. Ahubwo Leta ihinduye uburyo yahora ikorana na ONU. Ubu igiye gukorana nayo mu murwi mushasha wiswe “Equipe pays”. Uwo murwi nawo ukaba uje gusubirira BNUB mu gutorera inyishu y’ibibazo bitashoboye gutorerwa umuti na BNUB imbere yuko ikiringo cayo kigire kimare imyaka itatu kirangira.

Twibutsa ko urwego rujejwe gutsimbataza amahoro rwari rwatangujwe n’inama y’umutekano kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2005. Ibiro vyari bijejwe gutunganya uwo mugambi wo kugarukana amahoro mu Burundi ukaba wari washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kw’izina rya ONUB, mu nyuma rirahinduka riba BNUB. Hano mu Burundi, umugambi wo kugarukana amahoro ukaba wari watanguye kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi 2006.

Mw’ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere uburongozi bamenyesha ko hatari bwagere ko BNUB yugara mu Burundi, ahubwo ko ubu ariho hari hageze ko yongerwa ikiringo. Kubwa Yahani Mariya Gahimbare, icegera c’umukuru w’ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere uburongozi bwiza, Reta y’Uburundi yari ikwiye ahubwo kwongera ikiringo BNUB kugira ishobore gusozera ivyo yatanguye mu bijanye n’ugutunganya ikiyago ku banyeporitike. Nk’uko Yahani Mariya Gahimbare abandanya ibisigura, BNUB n’imiburiburi yarangiza ikiringo cayo inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015.


BUKURU Mariella

Messages

  • mwayemera mwareka izobaho kuko mushaka kwiyibira vyooose ata babona ,,

  • mwayemera mwareka izobaho kuko mushaka kwiyibira vyooose ata babona ,,

  • Nivyiza kuko ihinduka ry’ivyo biro vya BNUB mu murwi mutoya userukira urwego rwa ONU bigaragaza ko igihugu cacu kiriko kiratera intambwe iboneka mu vyerekeye gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cacu. Vyerakana kandi ko amakungu afise icizere gihamye kw’iterambere igihugu cacu kigezeko. Igisigaye n’uko umurundi wese akora atiziganya kugira ngo iyo ntambwe tugezeko igume itera imbere ntisubire inyuma.

  • Hahahahahah jewe leta yo mu burundi irantwenza ngo umutekano niwose ngo iterambere riri kurwego rushimishije ngo jewe sindi agasozi kamarere kahiye abagabo babona reka turindire tuzobibona.amatora ya 2010 yabayemwo akajagari amakungu akoranye.None ubunaho bayiherenije ?

  • Bashaka kuzoduca amazosi atawamira ngo atabaze!Mbega amahoro yaje ni abarundi bosaba ko bagenda canke ONU yonyene niyo yobibona!Barabonako Parfait Onanga Anyanga yabagondoje bakicarana n’abo batemera none ntibakimugomba!Iyo aba Umuzungu niwe bari kwemera gusumba!Reka tubitege amaso!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.