IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo CNTB urashima ibikorwa (...)

Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo CNTB urashima ibikorwa ukora

lundi 17 Kigarama 2012

Kubwa Sérapion Bambonanire arongoye CNTB ,ngo abavuga ko uyo murwi ukora uhengamye kandi utisunga amasezerano y’i Arusha ngo n’abatazi ic’uyo murwi ujejwe canke ngo n’abadashaka ko uyo murwi utunganiriza abawituye .

Sérapion Bambonanire arongoye umugwi CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo aremera nkuwukarira bamwe mu bamenyeshamakuru na bamwe mu banyepolitike ngo atakindi bashira imbere atari gucapfuza ibikorwa vya CNTB kunyungu zabongo canke kumvo atawushobora kuzimenya.

Kuri uyu wa mbere umugwi ujejwe amatati y’amatongo CNTB watunganije inama yo guhanahana ivyiyumviro no kumenyekanisha ibikorwa. Iyo nama yatangujwe icese n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yavuze ko ibivurwa k’umurwi CNTB biva ahanini kukutamenya neza ibikorwa vy’uyo murwi uyo arongoye igihugu c’uburundiyasavye abitavye muri iyo nama guterera ivyiyumviro kugira CNTB imenyekane uko iri nayo ibiteye amakenga birangire.

Musenyeri Sérapion Bambonanire arongoye CNTB akaba yashimiye umukuru w’igihugu mbere akaba yaciye amenyesha ko kubona umukuru w’igihugu ariwe yiviriye hasi ngo aze gutanguza ivyo bikorwa ari icerekana ko ashimishwa n’ibikorwa umurwi CNTB ukora.
Ivyo bikaba bibaye mugihe mu turere dutandukanye hari icuka kibi hagati y’abasangwa n’abahungutse bivuye kungingo umurwi CNTB ufata,abasangwa bakagiriza CNTB ko uhengamiye ku bahungutse mbere hamwe hamwe abo basangwa bakaba batanguye kuja hamwe mu kwiyamiriza ingingo zo gukurwa mu matongo yabo n’umrwi CNTB

Kw’ifoto: Musenyeri Serapion Bambonanire, arongoye CNTB, yishura abamenyeshamakuru


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.