IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yashizeho umurwi ujejwe kwiga ikibazo ca AFRICELL

Umuhuza w’abarundi yashizeho umurwi ujejwe kwiga ikibazo ca AFRICELL

mercredi 25 Ntwarante 2015, par Egide N

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yashizeho umurwi wiga ikibazo c’ishirahamwe TEMPO AFRICELL ryoba rigiye kwugarwa n’urwego ARCT rujejwe kugenzura itumatumanako ry’amakuru mu Burundi. Uwo murwi wahawe indwi zibiri kugira uzobe wamaze gushikiriza icegeranyo.

Inyuma y’aho abakozi b’ishirahamwe Africell Tempo bugarije kuri uwu wa mbere ahakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bamusaba ko yofata mu minwe ikibazo cabo, hagatangura ibiganiro hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’urwego ARCT rujejwe kugenzura itumatumanako ry’amakuru mu Burundi, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yashizeho umurwi ujejwe kwiga ico kibazo.
Nk’uko bishikirizwa na Angel Barumpozako, umuhanuzi mu biro vy’umuhuza w’abarundi, uwo murwi ugizwe n’abakozi bo mw’ishirahamwe TEMPO AFRICEl, abakozi bo muri ARCT, abakozi bo mu biro vy’urwego rw’umuhuza w’abarundi, hamwe n’abakozi ko mu biro vy’umukuru w’igihugu. Mu kiringo c’indwi zibiri bahawe, abagize uwo murwi basabwe kuzoba bashikirije icegeranyo.

Tubibtse ko abo bakozi ba Tempo AFRICELL basaba ko Reta y’Uburundi itoshira mu ngiro ivyasabwe n’umukoresha w’umunyamahanga yasize yanditse ko iryo shirahamwe ryokwugarwa agaca yisubirira mu gihugu ciwe. Kubw’abo bakozi, uwo yabisavye nta burenganzira abifitiye, kuko n’urwego nshingwantwaro rutari bwakorane kugira iyo ngingo ifatwe. Ku kibazo c’ugusubira kuronswa uruhusha rw’ugukora, muri TEMPO AFRICELL ntibanka gutanga amafaranga akenewe agera ku miriyoni cumi z’amadorare, ariko bagasaba guhabwa umwanya wo kuyarondera, nk’uko vyashikirijwe na Bernard BUSOKOZA, icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe TEMPO AFRICELL.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.