IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira wicariwe na CNDD FDD (...)

Umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira wicariwe na CNDD FDD gusa

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Abashingamateka bo mu mugambwe CNDD FDD bariko bariga integuro yo gushiraho umrwi wo gutohoza ukuri no kurekuriranira, iyindi mirwi y’abashingamateka yose ikaba itigeze ihahonyoza ikirenge.

Muri iyo ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hakaba hari abashingamateka 72 kw’ijana na batandatu bategerezwa kuba bitavye. Ibikorwa vyagiye gutangura bitevye, mu gihe abashingamateka bo muri CNDD FDD bari binjiye ku bwinshi, ariko abo muri UPRONA, FRODEBU Nyakuri n’abatwa bakaba batari baje muri ivyo bikorwa. Ariko rero, bikaboneka ko iryo tegeko riza gutorwa, kuko ibice 2 kuri 3 arivyo bikenewe, abo n’abo umugambwe CNDD FDD ukaba ubafise.

Abashingamateka bo mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA hamwe n’abo muri FRODEBU Nyakuri bakaba bavuga ko umugambwe CNDD FDD uriko urigungana iyo nteguro ishiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, mw’itangazo ryashizweko umukono n’abaserukira iyo mirwi uko ari ibiri. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba UPRONA Gasutwa Bonaventure, avuga ko hari ivyo batumvikanye nk’ibijanye n’aboba bagize uwo murwi, uko bogenwa, kandi ndetse bagasaba ko uyo murwi woba urimwo n’abanyamahanga, mu gihe vyogorana ko abarundi bonyene bimena ibihute. Ivyo vyose rero uko vyasabwe abari muri FRODEBU Nyakuri na UPRONA bakavuga ko bitakoreweko.

N’aho abo bashingamateka bazi neza ko iryo tegeko abashingamateka bo muri CNDD FDD bonyene bakwiye kugira baryemeze, bamenyesha ko banse kwirirwa barinjira, kugira bereke abarundi n’amakungu, ingene umurwi w’ umugambwe umwe ariwo wafashe intumbero yo gushiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, mu gihe Ubuurundi bwaciye muri vyinshi, abarundi ndetse banababaye bikwiriye.

Mukamenya ko muri ivyo bikorwa, Reta y’Uburundi yari yaserukiwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ukunganisha ibitsina, Clotilda Nizigama.


Aristide Nizigire

Messages

  • Karenga nabe areka kugenda yambaye inkofero y’idini kandi ajenwe nubusumamukuvugaabantu badakwiyekugira ibwirizwa shingiro ritorwe mu Busuma ,ahubwo ntamaramara

  • NDEMEZA NTIHENDA KO MURI DD ABANTU BARIYO MU BA DEPUTES BAGOWE NI NKO KUMIRA IBIRURA..MBE BARYA BATUTSI BAGIYEYO KURONDERA ICO RIRENZA KO BAGOWE BADASHOBORA NO KU DEMISIONNA BOCA BABUCISHA KU WEPFO ,,EWE DD MU BURUNDI UZOSIGA AMAZI AZUNGA..MBE KO BURYA BUTUTSI BURIYO ATA NIYINDI MANDAT BAZOBUHA BUSHA BWOKORA IKI!!!!INDA NIMBI ARIKO UWUVUYEYO BACA BICA BA ADOLPHE.. EMWE MURARUSHE ...NKA BA RWEMBE BA EDOUARD NA GISWASWA,,NA BANDI

  • oya ncuti nibaza ko amakosa ariho, ariko ko tworeka kurwa mu mutego...KUKO IBIRIKO BIRABA, si histoire ya bahutu contre abatutsi ou vise versa!!!!!!! ahandiho ndaho woba utandukaniye nabo abanyepolitique barondera àchaque fois gukoresha ivy"ubwoko" pour leurs intérêts individuels! j’en appelle àla lucidité yabarundi twese.

  • Aho banyakwubahwa mukaza murikura akagaye kabo bakeba Banyu,abo ba porona ntibashaka ko uyo mugwi ujaho kuko bonyene barazi amabi bakoze kuva uburundi bwikukira eka mbere nimbere yaho, ibinyagano banyaze benevyo banka kobazohava basabwa kubisubiza benevyo,kandi bazoguma bazana inzitizi nyinshi kugira uyo mugwi ntihagire ico uzoshikako.nukuba vyari vyaranse kujaho vyategwa nabo ba porona nyene!!!.twebwe abanyagihugu tuguma dukurikiranira hafise ibikogwa murimwo kurangura,natwe turiko turitegura kubashimisha muri2015,hama abonabo bareke tuzobatangaza kandi bazumugwa!!.

  • Ntimurimire ku rwiri kuko benshi bo muri cndd fdd abavyeyi babo bishwe bakiri bato babura umuco baja kurwana.kubacu natwe bapfuye dukeneye ukuri jewe uwanyiciye bitebe bitebuke nzomumenya ndamwitwarire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.