Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuryango wa Morsi witeguriye kwitwarira abamunyuruje
 Umuryango wa Morsi witeguriye kwitwarira abamunyuruje
 Umuryango wa Morsi witeguriye kwitwarira abamunyuruje
				
				lundi 22 Mukakaro 2013
Umuryango w’uwahoze ari umukuru w ‘igihugu Mohamed Morsi witeguye kwitura ubutungane bwaba ubwo mu gihugu canke mpuzamakungu bwitwarira umukuru w’ingabo, jenerare Abdel Fattah al-sissi.
Umuryango wa Mohamed Morsi, ucishije ku mukobwa wiwe Chaima Morsi, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 22 Mukakaro i Kayiro mu Misiri avuga ko se wiwe yanyurujwe. Akaba yashikirije ati : "Turiko turitegurira kwitwarira umukuru w’ingabo Abdel Fattah al sissi, uwari ku mutwe w’abatembagaje ubutegetsi bwa Mohamed Morsi, hamwe n’abo bafadikanije.
Uwo mukobwa wa Morsi yongeye amenyesheje ko ikizoba cose ku magara y’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu Morsi kiri ku gatwe k’uwo mukuru w ‘ingabo hamwe n’ingabo yari arongoye kuva aho bafashe Morsi bakamunyegeza kuva kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro.
Ibihugu vyinshi yaba Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’igihugu c’Ubudagi vyagumye bisaba ko bomurekura akidegemvya.
Abategetsi bashasha bo ngaho mu Misiri bakaba bigije inyuma ivyo bisabwa, mugabo bamenyesheje ku genekerezo rya 10 Mukakaro ko ari ahantu hameze neza kandi hakingiwe.
 
- Jenerare Abdel Fattah Al-Sissi
Floxella Karire
