IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umushingamateka yatowe ku ruhande rwa RWASA Agathon aratabaza ku mutekano (...)

Umushingamateka yatowe ku ruhande rwa RWASA Agathon aratabaza ku mutekano wiwe

mardi 26 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushingamateka Bizumuremyi Pascal yatowe ku ruhande rw’urunani y’Amizero y’Abarundi uruhande ruyoboka umushingamateka Agathon Rwasa avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe n’abo yita imbonerakure n’abakozi b’iperereza.

Uwo mushingamateka avuga ko Buramatari w’intara ya Ruyigi, Hassan Abdallah yoba ari inyuma y’abamubuza amahoro. Uwo mushingamateka avuga ko musi w’Imana uheze, haje umukozi wo mw’iperereza amufata amasanamu aho yamusanze mu kabare, amubajije igituma abikoze amubwira ko ariko kazi kiwe ata bindi yomubaza.

Nk’uko tubikesha VOA, uwo mushingamateka aremeza ko kumuburabuza atari ivy’ubu, kuko no mu kwezi kwa kane yagiye kugarukira ku bantu bari babuze ababo muri komine ya Gisuru batewe n’abagizi ba nabi. Ico gihe, avuga ko igiporisi camubujije kubagarukirako.

Hassan Abdallah aramutswa intara ya Ruyigi asigura ko uwo mushingamateka yihaye gukoresha amanama yo mu mu kinyegero. Buramatari Abdallah avuga ko adashobora kumwihanganira kuri iyo ngendo kuko biri mu bishobora guteza umutekano muke mu ntara arongoye.

Buramatari Abdallah amenyesha ko mu gihe cose yoshaka kugirisha inama nk’uwatowe kuba umushingamateka yohabwa uburenganzira, ariko yabanje kubimenyesha.


IGIHE

Messages

  • Ivya Rwasa Agathon Biragoy Ntamuntu Atamutoteza Cank Ngwarek Kumutotereza Abayobok! K1 Nibihangane Politique Nikoyimerey!

  • TURASAVYE ABATEGETSI BUBURUNDI KUBAHANA YABA UMUSHINGAMATEKA AKWIRIKIZE AMATEGEKO YUBAHA AMATEGEKO AKORESHE INAMA YUBAHAHIRIJE AMATEGEKO

  • Uwomushingamateka karamuciyemwo niyegere abagenzibiwe bamwereke koyihenze iyabaribikunda yarigusaba imbabazi akavugati karanciyemwo vyoruta kugumayikanga ngokoyagize akoyihenda ngokarambanye Isi irangwiriye uwabonyewese akikanga.

  • Ivyo aboroga nibiki ? ni bamwereke nti yi fatanije nabo abona?, ifi kugira uyifate ufata umusiba ukambika kwigera ifi ibifashwe,na Rwasa niko vya mugendeye bamuhaye icambo ariyo nshingamateka yicaduka,narindire na kazosi numusi umwe bakarenze mwintambi. Jewe namye Mvuga yuko abobantu ngo naba DD DD KWATAVYABO.

  • Mushaka Imibano Myiza Hagati Yanyu Natwe Uwo Mushingamateka Ntaribwe Nugwara .Menye K’aba F N L Bomumizero Turiho Kandi Ntimuzotumara.Kandi Ntiduhendeshwa Amafaranga Nka Jacque Bigirimana.

  • uyo mushingamateka nibamureke akore kuko agiye gufasha ababuze ababo nigikorwa ciza kandi yatorewe muga bamubuza vyerekanako ataterambere nakazoza bafitiye abenegihugu atarugutwaza igitugu muga inzara niyabamunda bazikebuka batagifise inguvu zukubirondera nibishinga kwigira ivyo badasohoye amaboko ngobateze imbere igihugu cabibarutse.

  • komera mushingamateka samandari niwe yubatse mumbari y’ingoro y’umwami agize ati"Ngomba nimuke ubu ngomba nturire hama nigire " umwami ati reka ntunturire ingoro samandari ati " jewe nturira ngwanje hama yawe isigare" bene data Amizero si CNARED abarundi bararushe reta ireke gukwega akarambaraye kuko intabwigwa ibwigwa nuko.......

  • Haahaa!! Kozagati Muntozi Mwirabire!Hagire Umushingamateka Womumizero Agirigwa Nabi! Ivya Deux Mille Dix Twarabibonye Ubu Mwihende Mudutoteze! Teshwe Mute Imana Iruta Ingabo.

  • Mbe babandi banka iyireta bakorana na SinaHead kwaribo bariko barikobarandika ngaha bereka uwomushingamateka kobamukunda cane?
    Ngukworero ukwo umuntu atiriganye kumana Shetani icimwiyegereza ugatangura kumubwira ngo ntawuzogukorako nzokurwanirira.

  • mukirisu murugendo ntiwiyite kowakijijwe nitutavavanura inyifato nkiyo yoguhagarara kushirahamwe uba ukukira uracari inyuma yamajambere kuko niwigira kubamenye imana uzabonako ugukora ukorera igihugu arukuraba bose atakuvangura rero ndagusengera ube mukristo womurugendo nyakuri reka abakora bakorere ababatoye.

  • aho wosanga abanamarimwe atanico abamariye nkuwuraho wo mu kdo!

  • none nikuberiki imbonerakure zitokwitonda?dutebe duhone kubwabo,abatavuga rumwe nabo dusigaye tunyegera kubera imihigo.

  • jewe novugako uwo buramatari yomuruka akaja kugarukira kwabo bantu,ko yarafise uwomutima yomureka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.