IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umutahe w’uguhagarika Moise Katumbi wasohotse

Umutahe w’uguhagarika Moise Katumbi wasohotse

vendredi 20 Rusama 2016, par egide

Moise Katumbi, umwe mubamaze kumenyesha ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, yagirijwe na Reta y’ico gihugu icaha co gukoresha abarwanyi b’abacangero b’abanyamahanga mu gutegura guhirika ubutegetsi.

Umuvugizi wa Reta ya Congo yavuze ko Moise Katumbi yariko ategura umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila yorangije ikiringo ciwe mu kwezi kwa Kigarama uwu mwaka, mu gihe ibwirizwa shingiro ryokurikizwa.

Inyuma y’isohoka ry’uwo mutahe, Lambert Mende umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo avuga Moise Katumbi yahoze ari Buramatari w’intara ya Katanga ashobora gutabwa muri yompi umwanya uwariwo wose agashikirizwa ubutungane, canke agapfungwa ic’amaso.


IGIHE

Messages

  • Bien,bien! uwushaka gutembagaza ubutegetsi wese fata kuko vyarataye igihe izo mbwa, bakongomani mucubwenge basha mumenye aho abasoda ba MONUSCO birigwa bikuruta ngaho iwanyu mwibaza ko ari urukundo? kuki ikambi yabo iri harya hari inzahabu? bimba burizindege,mbe Kagame igihe yarafise M23 mwibaza ko yariko arondera iki? ibaze kandi mwisubize nimba mufise ubwenge! kuki umuji wa kigali yawubatse kurya? amahera yavuye iwanyu, ngaha i Burundi yaravyipfuje ariko vyamutaye kuwamazi kuri za or,cortan na petrol na za cigarette nayandi mabuye yagaciro yagomba!! twamuhaye umusaraba tuvuga duti :Pima uwone kwa inci yetu we umbwa toka: none namwe bandanya nufyina mutazi ko muri kugahiye twe carakemutse kuko nuwarungitse bwamaneko emwee duca ducakira!!!

  • @ Cakira kobagiye gufunga Katumbi umwitiranyije na kagame, ugomba kuba warasaze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.