IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gervais ABAYEHO ari muri bane bagiye guserukira Uburundi mu (...)

Gervais ABAYEHO ari muri bane bagiye guserukira Uburundi mu makungu

mercredi 3 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu amazina y’abantu bane bagiye guserukira Uburundi mu makangu. Umwe muribo ni intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ibihugu abo bemejwe bazorungikwamwo bikaba bitavuzwe.

Amazina y’abo bemejwe n’inama nkenguzamateka yarungitswe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, abo nabo akaba ari Gervais ABAYEHO avuka mu ntara ya Bujumbura, akaba ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uwugira kabiri ni Emmanuel MPFAYOKURERA akora mu biro vy’umukuru w’igihugu, akaba avuka mu ntara ya Kayanza. Uwa gatatu ni TABU Rénovat akora mu nama nshingamateka y’Uburundi, akaba avuka mu ntara ya Cibitoke. Uwa kane ni Colonel Jean Baptiste BIHERENGENDE avuka mu ntara ya Muyinga, akaba akora mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

Mu gihe abo bose uko ari bane ari abahutu, Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari nawe yari yagiye gutanga imyidondoro y’abo bantu mu nama nkenguzamateka, yasiguye ko mu gutora abaserukira Uburundi mu makungu bisunga ivy’iserukirwa ry’amoko yose, ariko ko cane cane baraba ico umuntu wese ashoboye.

Alain Aimé NYAMITWE ntiyavuze ibihugu abo bane bemejwe bazojamwo kubera ko ivyo bihugu bishobora kwanka kubakira.

Abakenguzamateka 36 kuri 37 bari bitavye ivyo bikorwa bemeje ayo mazina, umwe nawe akaba ariwe ataco yabivuzeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.