IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi yitwariye insamirizi zitatu

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi yitwariye insamirizi zitatu

lundi 24 Ntwarante 2014

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza yitwariye insamiriizi zitatu arizo BONESHA FM, Radio Publique Africaine (RPA), hamwe na ISANGANIRO. Gaston Hakiza yagiriza izo nsamirizi ko zimaze iminsi itatu zishikiriza amakuru atyoza Kaminuza y’Uburundi.

Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi yitwariye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere izo nsamirizi mu rwego CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe kugenzura itangazamamakuru mu Burundi. Izo nsamirizi zitatu BONESHA FM, Radio Publique Africaine (RPA), hamwe na ISANGANIRO, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi azagiriza kuba zashikirije, cane cane mu makuru yo mu mpera z’iyi ndwi twaraye turangije, amakuru atyoza Kaminuza y’Uburundi

JPEG - 32.4 ko
Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi

Mu makuru yavuzwe n’izo nsamirizi ku bibazo biri muri Kaminuza y’Uburundi bijanye n’ihagarikwa ry’ivyigwa kubera itunganwa rishasha ry’agafashanyo k’abanyeshure, Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi abonamwo ugushaka gutyoza iyo kaminuza, ari nakwo guca afata iyo ngingo yo kwitwarira izo nsamirizi zitatu (Bonesha FM, RPA, Isanganiro) mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangamakuru mu Burundi


Egide Nduwimana

Messages

  • Ubuzukwagira,nukutagira ijambo apfakwagize?nishavu ryinshi yagize kubera abanyeshure bafatanye munda.sinoguhisha igihe cose uzoshaka gutwazabantu umukazo ntacuzoshikako.inama isumba intimba.

  • Shame,no right of expression or oppinion in Burundi!!Uyo mugabo yashaka bavuge ivyo ashaka gusa?WHY MAN?Abarundi baravuga aho ukuri kuri niba utabazi!!Muzobica barakuvuze

  • Wow that’s good guys::none ngoyitwariye izo nsamirizi ngwashike guki??ahubwo arasara::Banyeshure mugume mufatanye munda mwirinde amabwire yamwe

  • None aho kubanza kwicarana naba nyeshure bakumvikana,baga panga ikintu kimwe,bagatorer umuti ikibazo catumy abanyeshur bahagarika kwiga,agiye kugurukira kunsamizi nazo!jembona atitwaye nkumurezi.bavuga "ngurubuz inkware ruvumburukana igihuna.

  • Idili yamunaniye yarazi ko arikuvuga rimwe bagabatinya bakabona batibayeko mukwigumya kagenda kwiyandikisha kwiterabwoba ejo ntibanzondirire mumaso

  • iyi ni systeme aho baratanguye kwitwarira ama radio bandashaka ubu ni ubwa kabiri ejo bazosubira hama hirya y’ejo batage ibihano vyo kuzugara be careful ama action nkaya turayazi

  • URUBUZE INKWARE ARIKO MWE NA MWIDOGO WAWE BANZE MUHAGARIKE KURUSHA ABA DD UBU DD MBE MUZORUHUKIRA HE ..YO KO MURI ABAJE GUSAHURA MURI DD MWA BA TUTSI B IKIBI MWE MUBURE GUTA MU RUDUBI VYOOSE MBE MU RUHORORO MURACAJA YO!!!PRISCILLE UTI ABATUTSI WARAHAMYE SHA MURI DD NTACO MUCERA...URARYA YAMARA HAAA

  • Mbe ba Gaston bahumiwe kimwe. Izo radios uriko uzitako ishavu. Bareke bikorere akazi kabo ko wewe vyakunaniye. Umwe Sindimwo yiteye grenade, nawe uriko ushanuka ku ma radios.

  • aragenda yitwarire umutwe wiwe kuko ntukomeye neza, umuntu avuze koashonje ntazi inyishu yokkwishura?nareke gushavura nagende azane abiwabo nanyina bige bo badashonje sinuva ingorane afise abarimu barahari babuze abo bigisha gusa kubure ntabatize iwabo barashobora kubabariga

  • Aho rero biranse nimba rpa utayizi uzoyibaze neza Giswaswa azokubwira.reka kwiteza utunyoni nibagukure.mbe iyo wiga baragakuye ubu uba wambaye iyo costume ni Bujumbura ko utari kuyihonyozamwo ikirenge. Reka gutobera cndd fdd mwabagabo mwe ahubwo baurabe neza

  • Wawundi ati ingwe ugutwarigitungwa ikagutanga kuraka.aho ga gaston ntasoni wumva??mbe iyoburuse itangwa naso canke namakungu???ahubwo urawihaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.