IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi wa RTNB amenyesha ko batabujije kuvuza indirimbo z’abanyarwanda

Umuyobozi wa RTNB amenyesha ko batabujije kuvuza indirimbo z’abanyarwanda

lundi 27 Mukakaro 2015, par Paterne

Ubuyobozi bwa radiyo n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB) bumemyesha ko butigeze buhagarika kuvuza indirimbo z’abaririmvyi b’abanyarwanda mu binyamakuru vya Reta.

Abicishije mu rwandiko ruri mu rurimi rw’Igifaransa, Jérôme Nzokirantevye, Umuyobozi wa Radio n’imboneshakure vy’igihugu yamenyesheje ko atigeze ahagarika indirimbo z’abanyarwanda ku mirongo ya Radiyo n’imboneshakure vy’igihugu.

Yavuze ko yashatse kwerekana ko hari bamwe mu bamenyeshamakuru bavuza indirimbo z’abanyarwanda kurusha iz’abarundi kandi bari mu kinyamakuru ca Reta y’Uburundi.Yavuze ko indirimbo z’abanyarwanda zishobora kuvuzwa, ariko iz’abarundi zikwiye kuvuzwa incuro nyinshi gusumvya.

Hari haheze iminsi havuzwe mu binyamakuru vyo mu Rwanda no mu Burundi ko umuyobozi mukuru wa Radiyo n’imboneshakure vy’Igihugu mu Burundi (RTNB: Radio Television Nationale du Burundi ) yasohoye itegeko rivuga ko ata ndirimbo y’abanyarwanda kuvuzwa kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu uko yoba imeze kwose.


IGIHE

Messages

  • Ubundihoho muzihaga ritse abanyarwanda ntanakimwebibatwaye abanyarwandabari Hit in the world barikwije sur2 sur les media mubaronderehenshi nibonububatey’imakamba? rép moi s’il vs plaît.

  • UKWANGUHA KWOHO MURABIZI KOWAVUZE NGO NIYIMANA YARIRIMBWE NXMUNYARWANDA ITOSOBIRA KUVUGA BIGARAGARA KUKORENSHA NIBAGUKORESHE URASHOBOYE KUBESHA PE

  • Mwigaruye hakiri kare kuko burya n’umusazi arasara mugabo agatinya nyina.

  • None uyu mugabo yarasaze canke??? None mundabire kuri www.igihe.bi inkuru yasohoye kuwa 24/7/2015 ico yavuze we ubwiwe ati zose bazihagarike ati nizimana ntibazisige none aciye ahindura!!"!! uratwambitse ibara. None musumahe? si uganda na kenya? none bicahe si mu rwanda? muze muraba kure!!!!"

  • Kubera Iki Yisigura? Mbe Mwibaza Ko Mu Rwanda Ho Bavuza Izikirundi?

  • Uyumugabo amacakubiri yubwiko amugera mubihimba vyiro..wogomba woyagabanya ntacoyogushikirako nube uranuranura utwo dd iguhaye uyumwanya haraho vyohinduka

  • Ukwasa na roho yake nikwisa.baraguhenze.rindira gatoya sinziko nishamba uzosubira kurishobora

  • Ahubwo mwugare ambassade iri i kigali muce mwugara n imipaka. indirimbo zozo ntaco mukoze kubera bo ntanakimwe bibagize,, muriko muvuga ayamuhe...... u gwanda ni ugwambere muri EAC mu bihugu bitarya igiturire, ifaranga ryabo rifise agaciro, amajambere yariyongereye umunsi kuyundi, hari amahoro, etc..... none mwibazako mubamukoze iki guhagarika imiziki yabo!!!???????

  • Nanje Urwo Rusaku Nari Narwumvise Kur R.Salus Mumakur Ya 17h,nca ndabivuga!ndumiwe! bwa bund ndavyemey nez,amaradio amwamw atangaza inkuru atatohoje kuber inyungu zayo!

  • Ariko Ngerajej Gusoma Ivyanditswe Aha Hepfo Ndatangara Kand. Mbega Mwebwe Mwandika Amajambo Ataranga Urupfasoni Nta Munt Muracanamwo Hamwe Utipfuza Nukumwumva?Niba Yari Yavuzukwo Usanga Hari Icar Kimubabj!Cank Ko Numv Abarundi Bidoga Kwaya Mahera Mashasha Atwaw Kumupaka Abanyarwand Batayakira Mwombwirimpamv?Ivyisi Naho Wobub Kuzuba Amaherez Ni Mu Mukungugu Kukariwo Twavuyemwo,kand Isazi Ikomeye Iruta Igihangange Capfuye,wew Wita Intozo Aband,uragakizwa!

  • Tumaze Imisi Tutabona Imbonesha Kure Ino Imurwi None Harivyagoranye Mubuhinga Nikuberiki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.