IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mukuru wa sosumo aragabisha abadandaza isukari ku giciro kitazwi (...)

Umuyobozi mukuru wa sosumo aragabisha abadandaza isukari ku giciro kitazwi n’amategeko

vendredi 29 Ntwarante 2013

Umuyobozi w’ urwego nshingwantwaro rwa sosumo ,Audace Bukuru aragabisha abo bose badakurikiza igiciro cashinzwe na leta, ico naco n’ amafranga y’amarundi1850 ku kiro kimwe.

Uwuzofatwa yarengeje rero akazoca akurwa ku rutonde rw’abaguzi ba sosumo.

Igihe yariko aravuga ku vyerekeye ikena ry’isukari riguma ryibonekeza mu gisagara ca Bujumbura ,Audace Bukuru avuga ko iryo kena ry’isukari ridasigurwa n’itegeko ry’isukari batanga hamwe n’iyisabwa n’abaguzi(la loi de l’offre et de la demande).Ahubwo abayidandaza bayinyegeza kugira baje kugurisha iyo sukari ahandi.

Ahamagarira abo bayidandaza ko boshiraho igicapo cerekana ko hadandarizwa isukari ya sosumo kandi bakongera bagashiraho n’ikiguzi igurishwako ku kiro.Uwo muyobozi akaba ahamagarira ndetse n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi ko bofasha ku gira ico giciro catanzwe na leta cubahirizwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.