Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi wa Université Espoir d’Afrique yitavye Imana
 Umuyobozi wa Université Espoir d’Afrique yitavye Imana
 Umuyobozi wa Université Espoir d’Afrique yitavye Imana
				
				dimanche 31 Ntwarante 2013
Musenyeri Eliya Buconyori, yahora ari umuyobozi wa Universite Espoir D’Afrique, akaba ari nawe yaserukira imbere y’amategeko ishengero Libre methodiste ryo mu Burundi, yasezeye isi.
Yavukiye mu Bikindi, komine Nyarusange, intara ya Gitega mu mwaka w’1952, akaba asize umuryango w’abana bane. Azwi cane nk’uwatanguje ivyigwa mu rurimi rw’icongereza muri kaminuza mu gihugu c’Uburundi, inyuma yaho atahukiye avuye mu gihugu ca Kenya.
Yarabaye no mu murwi w’igihugu wakurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha.
Ikinyamakuru IGIHE kirahojeje umuryango wiwe n’abarundi bose.
IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO
Egide Nduwimana

Messages
31 Ntwarante 2013, 13:09, par rukundo
Mana fasha umuryango asize [Intore ntiramba]
31 Ntwarante 2013, 13:09, par sam
OYA WEEEEEEEEEEEEEEEEEEE, Yararwaye se cyangwa ni accident? ndababaye cyane!!!!!!!!!!!!