Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inkuru y’umubabaro kandi itangaje
 Inkuru y’umubabaro kandi itangaje
 Inkuru y’umubabaro kandi itangaje
				
				mardi 4 Ruheshi 2013
Umwana w’umufaransa yafatanye urugendo na se wiwe bava mu gihugu c’Ubufaransa amubwira ko bajanye mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu gisagara ca Kinshassa mu karuhuko. Bahashitse, se yaciye amutoroka kandi ivyo bikaba vyabaye mu ntango z’uyu mwaka turimwo.
Joël ni umwana w’imyaka cumi n’ibiri, kahise kiwe karanzwe n’ibihe bidasanzwe kuko umwanya munini yawumaze mw’irerero ry’impfuvyi imbere y’uko se aza kumusaba, amenyesha ko akeneye ko baja kubana.
Joël yiga mu mwaka wa gatandatu kw’ishure ry’ahitwa i Nanterre. Mu kwezi kwa Ruhuhuma niho se amuvyara asanzwe ari umufaransa w’amamuko yo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo yamumenyesha ko bajanye i Kinshassa mu karuhuko. Ariko rero imvugo ntiyajanye n’ingiro kuko bahashitse, uyo muvyeyi w’igitabanga yaciye amusigira muvyarawe, abaca murwahumye, aritumukira. Haciye imisi itari mike niho uwo yasigaranye na Joël yamenya ko se w’ico kibondo yagitaye afata indege, ikibabaje kandi agenda atwaye n’ibipapuro vy’inzira vy’uwo mwana w’inzirakarengane.
Joël aho ari ubu i Kinshassa akaba abayeho atagira vya ngombwa kuko n’uruhusha yari yarahawe rwo kuba ari mu karuhuko i Kinshassa(visa) rwarangiye.
Mopoto, umucamanza yiyemeje gukurikirana ikibazo c’ico kibondo amenyesha ko kibayeho mu buzima bw’akangaratete kandi ko bitazokworoha ubutegetsi bwa Kinshassa nibwamenya ko uwo mwana ari muri ico gisagara uruhusha yari yarahawe rwaraheze. Uwo mucamanza n’umuryango wa se wa Joël bakaba baramaze gutura ico kibazo Leta y’Ubufaransa.
Inyuma y’amatohoza yakozwe n’ubuserukizi bw’Ubufaransa i Kinshassa, vyaremejwe ko umwana Joël ari umufaransa. 
Umucamanza Mopoto akaba asaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu mu maguru masha kuko uwo mwana ariko arata umwanya w’ishure, agatangazwa kandi n’agacerere kari mu rwego rw’abafaransa rujejwe gukingira agateka k’abana.
N’ aho mu buserukizi bw’ubufaransa i Kinshassa bamenyesheje ko badashobora gutanga uruhusha rwo gufata urugendo mu ndege ku mwana w’imyaka 12 ari wenyene, Joël we yivugiye ati : « Nashaka gusubira mu Bufaransa nje kubandanya amashure. »
Egide Nduwimana

Messages
5 Nyakanga 2014, 08:18, par HITIMANA
CIBITOKE
8 Kigarama 2016, 18:54, par Nkurunziza Steve
Jeniyumvirako Bomureka Akagenda Mubufransa
12 Ruheshi 2017, 14:09, par Gerard
Nibamureke aje mubu fraca bamuhe umudyango wase wiwe umurere
26 Myandagaro 2017, 07:34, par niyomugisha eliezer
mbeg’umuvyeyi w’igipfu icakora birababaje sintahura ko uwo mwana aruwo yavyaye!