IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Umwana w’umuhungu w’imyaka 9 yubakanye n’umukecuru w’imyaka 62 : Amafoto meza (...)

Umwana w’umuhungu w’imyaka 9 yubakanye n’umukecuru w’imyaka 62 : Amafoto meza na Video

mardi 22 Mukakaro 2014

Umwana w’umuhungu w’imyaka 9 aherutse kugira ubugeni n’umugore afise imyaka 62, uwo mugore afise abana 5 n’umugabo bahukanye abifata nk’ibisanzwe. Abo bubakanye bati:" Abavuga ni bavuge gikuru n’uko twikundanira".

Sanele Masilela, afise imyaka 9 aherutse kugira ubugeni na Helen Shabangu w’imyaka 62. Kuri uwo wa gatandtu, igenekerezo rya 19 Mukakaro niho bagira ubugeni bwa kabiri abo basubiriye kubana kuko barigeze kwahukana, ubugeni bwa bereye ahitwa Ximhungwe mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Alfred Shabangu, umugabo wiwe wa mbere avugako ubwo bugeni ataco bumutwaye n’abana biwe, ati:" Ivyo abandi banegura ntibindaba." Ubugeni bwa Sanele Masilela na Helen Shabangu busa naho uwo mwana yaranguye ibwirizwa sekuru yasize amutegetse gukora imbere y’ukwitaba Imana mu mwaka uheze w’i 2014. Sekuru yamusavye kuzorongora umukecuru mu kibanza ciwe, none ng’uyo yaraye abikoze.

Uwo mwana yisutse kuri uwo mukecuru avugako amukunda kandi ko ari n’akaryo keza kuko Helen Shabangu asanzwe akora hamwe na nyina wiwe.

Amafoto y’ubugeni

Fyonda aha munsi urabe ibirori vy’ubugeni uko vyagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.