IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gerard NDUWAYO: "Arusha yarahonyanzwe ariko urubanza ruzocibwa (...)

Gerard NDUWAYO: "Arusha yarahonyanzwe ariko urubanza ruzocibwa n’amatora"

vendredi 8 Rusama 2015

Gerard Nduwayo azoserukira umugambwe w’Abadasigana UPRONA mu matora y’umukuru w’igihugu, ahejeje gushikana idosiye iwe mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI.

Gerard NDUWAYO azoserukira UPRONA mu matora y’umukuru w’igihugu ahejeje gutanga ivya nkenerwa vyose asabwa n’itegeko rigenga amatora kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, yaciye amenyesha ko umugambwe w’Abadasigana UPRONA urongowe na Conciliya Nibigira, wemeza ko ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha vyahonyanzwe na Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu kwemeza ikiringo ca gatatu ca Petero NKurunziza, ariko rero akavuga ko ivyo hamwe n’ibindi bibazo bihanze igihugu ari vyo UPRONA ije gukosora, hamwe woshika ku butegetsi.

Gerard NDUWAYO avuga ko nawe yari i Arusha igihe amasezerano yashigwako umukono, ko rero aje kwifadikanya n’Abarundi kugira ayo masezerano asubizwe iteka ariko biciye mu matora. Avuga kandi ko abari mu myirekano bari mu mategeko hamwe boyikora bisunze amtegeko ayigenga, ariko ntatomora neza ko mu bari muri iyo myiyekano hoba harimwo abo muri UPRONA.

Mwomenya ko Gerard NDUWAYO yakurikiranye na Petero NKURUNZIZA.Nduwayo rero yari yaherekejwe n’abandi badasigana harimwo umukuru w’umugambwe Conciliya NIBIGIRA na Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • mbe nduwayo ayo mashule wize yakumariyiki kubona situation turimwo ukaguma uhambira amazi murukanga ntiwoyra bike ukaryama kare , reka uwo mukino waratae agaciro ba invuga kuri ureke kuvuga nkababandi ngo nama quqrtier amwe amwe ukamenga sabarundi burya abarundi babona kure kndi tegura kazoza kawe uve mu manyanga twese dukeneye amahoro ureke kunuma ibwirizwa shingiro ririko rirahinyangwa hama ngo ukeneye amajwi kubamyagihugu

  • Nimwirambire umunta umvirije mufisebeshi musumvya ivyiyumviro, kukontahomuhuriye nuwubahuka kwugaramayira muntumbere yoguhagarika ubuzima bwigihugu, kuko uyumuntu ashaka kugira ivyasaba ntaheza ngwabanze guhagarika ubuzima bwabandi.

  • ewe porona nawe ingorane dufise nimwe waziduteye jewe nibaza ko atawuzobatora ba murazerera inyuma muta ubwoko.

  • none kwabandi base guhonyanga ARUSHA nawme muhagaze he? murererwa!

  • Huumm burakey turabe amatora yabantu 2!!

  • mbe gerard yarize canke? ameze nka bacamanza ba cndd beza umuntu bakamuca amende? arusha imaze guhonyangwa, ibwirizwa shingiro rigahonyangwa ariko ajahe? ngo urubanza ruzocigwa n’akazu ka matora! niko amategeko abitegekanya? nabe apfuma ahora aronderere inda yiwe gusa, ariko ntazohaga! barya abarundi bene wabo hama bakaronka ayo bavuga!

  • Ariko jewe nduwayo arantwenza . Iyo amasezerano akomeye nka ya Arusha ahonyanzwe ni hehe vyanditse yuko izo ngorane zicirwa n’amatora? Nari nzi yuko Nduwayo yize ariko mbona amashule yiwe ataco yamumariye. navuge neza yuko ashigikiye nkurunzinza , nayo ibindi abireke. Harya iyo umuntu adafise ico avuga yopfuma acereza.

  • ABATUTSI BARI UBWENGE.URABONA INGENE BATANGUSE AKAJAGARI KO KUTITABA AMATORA ARIKO BABAYE ABAMBERE MUGUTANGA IZINA MURI PRESIDENTIEL KUGIRA BONGERE BAHENDE RWASA AZIRETROUVE ARIWE ATITAVYE KUMWE BAMUHENDA EN 2010! VYIZA ABANTU BOBONA KURE

  • Hahaaaa,abarundi turubwenke,abarikobarahunga nabatavuga rumwe na cndd-fdd,none abazobatora nibande?ntibabona ko DDizogenda ihagaze?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.