IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urubanza rw’ubwicanyi bwo mu Gatumba rwarasubiye kuburanishwa

Urubanza rw’ubwicanyi bwo mu Gatumba rwarasubiye kuburanishwa

jeudi 17 Nzero 2013

Urubanza rw’abakekwa ko ubwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abantu 39 rwaraburanishijwe muri sentare isubiramwo imanza y’i Bujubura. Ntirwumvirijwe mw’idonido rwungururijwe ku wa 6 Ntwarante 2013.

Nk’uko vyari bitegekanijwe kuri uyu wa gatatu abacamanza bo muri sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura barashashe mu rubanza rujanye n’ubwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abantu 39 mu mwaka w’2011. Icibonekeje n’uko abanyororo naho bazanywe kuburana ntibari babimenyeshejwe nk’uko babishikirije eka mbere nta n’umushingwamanza n’umwe yari yarengutse. Ikindi gishasha ni uko impande zose z’unguruje n’ukvugako abanyororo hamwe n’umushikirizamanza bose bunguruje.

Abo banyororo bahagaze cane ku mutekano wabo, Sahabo Joseph azwi kw’izina rya Kabizi na Gaston Sibomana bafungiwe mw’ibohero rya Murembwe muri komine Rumonge bavuze ko badatahura ingene batimurirwa mw’ibohero rya Mpimba kuko ubuyobozi bukuru bw’amabohero bwarabahaye uruhusha rwo kubikorerwa. Abo banyororo bagatangazwa n’ingene bakuwe mu bandi bari bamaze gutekera utwabo bakabwirwa ko itegeko rivuye hejuru ryo kubasivya.

Mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu na k’abanyororo bavuga ko iyo ngingo y’ubuyobozi bukuru bw’amabohero bayizi ariko ngo baratangajwe no kumva ko abo banyororo batimuriwe mu mpimba hafi yaho baburanira no mu ntumbero yo kwegerezwa abashingwamanaza babo. Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH akavuga ko wari umugambi wo kubanza kunyuruza Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabu icabona gikomeye mubijanye n’ubwo bwicanyi.

APRODH risaba ko umutekano w’abo banyororo wokubahirizwa ivy’urwo rubanza ntibifatwe minenerwe ngo bihishwe kuko ari urubanza rurindirwe n’abarundi mbere n’amakungu. Pierre claver Mbonimpa agashima ko rwigijwe inyuma akavuga ko bagiye gutegura imburano no kuronderera abashingwamanza abo bakekwa ko ubwicanyi bwo mu Gatumba.

Sentare yaciye ishira urwo rubanza ku wa 06 Ntwarante 2013 mugihe yasanze impande zose zunguruje atamburano zatanze, mbere abari bejejewe mu rubanza rwa mbere ntibari barengutse kuko batamenyeshejwe ko umushikirizamanza wa Reta yunguruje.

Ubwicanyi bwabereye mu Gatumba mu mwaka w’2011 bwahitanye abantu 39 bariko barivuna akanyota mu bunywero. Ubwo bwicanyi bwitiriwe abatavuga rumwe na Reta nabo bavyamirira kure. Hafashwe abantu barenga 10 bakekwa baraburana urubanza ruracika, bamwe barezwa abanti bacirirwa umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Umwe mu bagirizwa yamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwateguwe n’igipolisi n’iperereza kugira abatavuga rumwe na Reta bambikwe ibara, yaradondaguye ibihangange muri izo nzego ariko ntibigeze bahamagarwa n’ubutungane. Uwo yitwa Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabu, ubu ntawuzi irengero ryiwe. Bamwe bavuga ko yanyurujwe abandi bakavuga ko yishwe kugira ukuri kuzimangane.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.