Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu Bufaransa no mu barabu rwagenze (...)
Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu Bufaransa no mu barabu rwagenze neza
lundi 18 Ntwarante 2013
Nk’uko umukuru w’igihugu yabimenyesheje akigera ku kibuga c’indege ca Bujumbura ejo kuw’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, urugendo yahoramwo mu Bufaransa na Emirat Arabes Unies rwabaye ngirakamaro.
"Twararonse akaryo ko kubonana n’abanyacubahiro batandukanye mu gihugu c’u Bufaransa harimwo n’umukuru w’ico gihugu Francois Hollande, uwo nawe tukaba twaremeranije ibisata bitandukanye ibihugu vyompi bigiye gufashanyamwo". Uko niko umukuru w’igihugu yavuze agishika.
Umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha ko u Bufaransa bugiye gushira mu ngiro ivyo bwiyemeje mu nama yahuje abafasha u Burundi muri wa mugambi wo kurwanya ubukene CSLPII yabereye i Geneve mu mwaka uheze. Avuga ko u Bufaransa bushima intererano y’u Burundi mu kubumbatira amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini n’ahandi.
- Perezida Nkurunziza na Perezida Hollande
Mu rugendo rwiwe, yaraboneyeho akaryo ko kuvugana n’indongozi za Pays de la Loire, aho nabo nyene bemeye kubandanya bafasha u Burundi.
- Perezida Nkurunziza hamwe n’uwurongoye Pays de la Loire
I Dubai naho ku murwa mukuru wa Emirat Arabes Unis aho umukuru w’igihugu yari yitavye ihuriro ry’ibihugu ku kibazo c’indero, perezida Nkurunziza amenyesha ko abari bitavye iryo huriro bashima ibimaze kurangurwa na Leta y’u Burundi mu gisata c’indero.
- Perezida Nkurunziza mu nama ya Global Education
Aha yashimikiye cane cane ku gitigiri c’amashure amaze kwubakwa mu myaka itanu, cokimwe n’ingingo yo kwigisha abana ku buntu mu mashure y’intango.
- Perezida Nkurunziza mu nama yagiranye n’abarundi baba Dubai
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
18 Ntwarante 2013, 17:33, par NDAYIKENGURUTSE Daniel
muntumbero yo gutsimbataza umugambi w’amahoro n’imigenderanire n’ayandi makungu,turashimye ko umukuru w’igihugu cacu agifitaniye ubucuti bwiza nayandi makungu bikaba bitanga isura nziza mukakungu