IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu Bufaransa no mu barabu rwagenze (...)

Urugendo rw’umukuru w’igihugu mu Bufaransa no mu barabu rwagenze neza

lundi 18 Ntwarante 2013

Nk’uko umukuru w’igihugu yabimenyesheje akigera ku kibuga c’indege ca Bujumbura ejo kuw’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, urugendo yahoramwo mu Bufaransa na Emirat Arabes Unies rwabaye ngirakamaro.

"Twararonse akaryo ko kubonana n’abanyacubahiro batandukanye mu gihugu c’u Bufaransa harimwo n’umukuru w’ico gihugu Francois Hollande, uwo nawe tukaba twaremeranije ibisata bitandukanye ibihugu vyompi bigiye gufashanyamwo". Uko niko umukuru w’igihugu yavuze agishika.

Umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha ko u Bufaransa bugiye gushira mu ngiro ivyo bwiyemeje mu nama yahuje abafasha u Burundi muri wa mugambi wo kurwanya ubukene CSLPII yabereye i Geneve mu mwaka uheze. Avuga ko u Bufaransa bushima intererano y’u Burundi mu kubumbatira amahoro n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini n’ahandi.

JPEG - 40.2 ko
Perezida Nkurunziza na Perezida Hollande

Mu rugendo rwiwe, yaraboneyeho akaryo ko kuvugana n’indongozi za Pays de la Loire, aho nabo nyene bemeye kubandanya bafasha u Burundi.

JPEG - 67 ko
Perezida Nkurunziza hamwe n’uwurongoye Pays de la Loire

I Dubai naho ku murwa mukuru wa Emirat Arabes Unis aho umukuru w’igihugu yari yitavye ihuriro ry’ibihugu ku kibazo c’indero, perezida Nkurunziza amenyesha ko abari bitavye iryo huriro bashima ibimaze kurangurwa na Leta y’u Burundi mu gisata c’indero.

JPEG - 63 ko
Perezida Nkurunziza mu nama ya Global Education

Aha yashimikiye cane cane ku gitigiri c’amashure amaze kwubakwa mu myaka itanu, cokimwe n’ingingo yo kwigisha abana ku buntu mu mashure y’intango.

JPEG - 70.7 ko
Perezida Nkurunziza mu nama yagiranye n’abarundi baba Dubai

Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.