IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon yasabwe gushengeza abariko bakwiragiza ibirwanisho mu (...)

Ban Ki Moon yasabwe gushengeza abariko bakwiragiza ibirwanisho mu Burundi

vendredi 27 Ntwarante 2015, par Egide N

Abagize urunani ADC IKIBIRI mu makungu bandikiye Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamwereka amakenga bafise ku bwicanyi buriko burategurwa mu Burundi, banamusaba ko yobikurikiranira hafi kugira amaraso ntasubire guseseka.

Mw’ikete ryarungikiwe Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n’inama y’umutekano muri ONU, abahurikiye mu runani ADC IKIBIRI mu mahanga bamenyesha Ban Ki Moon ko kuva aho habonekeye bamwe mu bihangane vya CNDD FDD hamwe n’abandi berekanye ku mugaragaro ko badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, haciye hatangura iterabwoba kuribo, bamwe bakabakura mu buzi, abandi bakabaka abari basanzwe babacungerera umutekano.

JPEG - 73.7 ko
Pancrace CIMPAYE, umuhuzabikorwa wa ADC IKIBIRI mu makungu

Nk’uko tubikura muri urwo rwandiko rwa ADC IKIBIRI, bamwe mu bashigikiye ukwo gusubira kwitoza baciye batangura gutanga ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu gihugu cose, mbere muri urwo runani ADC IKIBIRI bakavuga n’ikiroberi kigizwe n’izo mbonerakure coba caratanguye gutegurwa na Lieutenant Générale Adolphe Nshimirimana, mu bumanuko bw’igihugu c’Uburundi, kugira kizohangane n’abazokwihereza amabarabara biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Mu runani ADC IKIBIRI bashikiriza ko batewe amakenga n’iterabwoba rikorerwa abari mu nzego z’igihugu babandanya kwerekana ko badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, muri urwo runani bagatinya ko hashobora kuba ugucanamwo mu nzego zirongoye igihugu kikiva mu ntambara, bigakwega iseseka ry’amaraso.

Iryo kete ryarungikiwe Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimusaba ko yofata ingingo zose zikenewe agahagarika ubwo bwicanyi buriko burategurwa, n’abariko barabutegura mu gutanga ibirwanisho akabasabira ibihano. Muri iryo kete bati : "ONU yamye ari inkinzo y’amahoro n’umutekano."


Egide Nduwimana

Messages

  • ONU ni irungike abarorezi bakinge amaraso ataraseseka!

  • PANCRAS WEWE POLITIKE URAYIZI GUSA USHAKA GUKOKEZA URI HANZE INGO UTERERE IVYIYUMVIRO URI INO.
    MBEGA WIBAZA KO ABARUNDI TUTAZI UBWENGE...!TWARAGUHINYUYE WEWE UWUTAKUZI YOKWIHENDAKO ARIKO CHANCE NUKO WAMENYEKANYE.

    GABANYA AMAJAMBO UZE TWUBAKE IGIHUGU CACU...NAGOMBA NKUMENYESHE KO MU BURUNDI ATABIGWANISHO BIRIKO BIRATANGWA....NGIRA AHUBWO NI BABAHUNGU MWARUNGIKA CIBITOKE....ARIKO NTA NTAMBWE BAZODUTERANA ABAHUNGABANYA UMUTEKANO.

    KARIBU RERO TWUBAKE IGIHUNGU NKUKO MUZEE NKURUNZIZA YAMA ABIVUGA.
    UWUZOWATSA TUZOWUZIMIRIZA MUHIRA IWE YABA I BURUNDI CANKE HANZE...NABE ARAMBARA GODIO ASHAKA 6/4 ZIRIHO.

  • Uti nta birwanisho biriko biratangwa? Arya mazina y’abantu bazogira liaison nama telephone yabo, ce sont des noms inventes? Uti taha utange iciyumviro uri mu Gihugu? Abari mu gihugu batanga ivyiyumviro bamwe bakurwa mu kazi no mu mugambwe, abandi bahiga kwicwa. uwo badahambije batoteza umuryango wiwe, akarorero ni umupfasoni wa Agathon Rwasa. Uti naze abafashe kwubaka igihugu? Uko muriko muracubaka mubona bishimishike ku buryo hoboneka nababaterera agacumu k’ubumwe?

  • Pankrasi, urahumiwe wewe uracarimurivyo? Urihaye amenyiyabasetsi ndakubariye.

  • Jewe abantu barihanze barashetsa aho birirwa bavuga ivyuburundi batabizi jewe ndihanze ariko naragiye gutembera mu burundi in uro nginshi
    Abantu ubabajije ibintu wumva urihanze ushanga biteye ubwoba rero cimpaye uragenda uzorabe ibiri mugihugu ureke kubesha amakungu
    Ugenda gusheresha ngo muburundi nkurunziza peter nimubi wewe niwewe mubi

  • kimouna nahagarare rugabo yikureko abobonse basigayevbansnirwa naportiqwe ngobamwandikiye bateyikigogwe basigaye bsbaye nkabana baborewekweri

  • niba ari ONU mutegerejeho ubufasha ntabwo muzabona muzabaze abanyarwanda muri 94 na nyuma yaho uko byagenze ONU irebera,ahubwo mwebwe ubwanyu ni mwumvikane,mushake umuti wikibazo, naho ONU ntabyayo,iza abapfa bamaze gupfa,ikaza yirukankana ibigori n’ibiharage. gusa ndagirango mbahumurize ko ntamaraso azongera kumeneka aho muburundi,72,84,93 birahagije. gusa nuko bitabahaye isomo ngo mumenye icyogukora politique muyirekere abayizi bayize bayikine kuko n’ubundi iyo bagabanira ibyicaro ntimuba muhari,abarundi batobato mwikorere utwanyu mwikure mubukene bubugarije.

  • Amajambo: Itangwa ry’Ibirwanisho,imbonerakure, gutotezanya, gufunga abantu, kwica abantu, .............................................GENOCIDE (ironderwa ku nguvu nk’uko wogira ngi ni isura nziaza), nivyo bintu usoma kumbuga zivuga ku Burundi.

  • JE ABARUNDI BARI HANZE BARANTANGAZA, MBE UBURUNDI BUSIGAYE BUTWARIGWA HANZE NKUKO ATOZA KUBIVUGIRA IWABO? NAREKE RERO GUTERA UBWOBA ABANTU KUKO IYO IVYO YATEGUYE ABONYE KO ATAZOTARUKA ACA ARONDERA UKUNTU ABESHA AMAKUNGU NGO BIRACIKA I BURUNDI. RWASA NAWE MBE YARAKUGIZE UMUVUGIZI ? NAJE HARYA ASHINGE ICINYO KUKINDI NGO URAMUKUNDA AHUBWO USANGA NURYA YARASHI MUKA GWASA ARI MURI BABAHUNGU BAWE WASIGA UFOROMYE UKABAWIRA KO AKAZI BOKABANDANYA UKAZA URABARUNGIKIRA AMAHERA WIBEREYE HANZE NIVYO UVUGA NUKUGIRA AYO MAHERA BAGUHA NTAHAVE AREKA GUSOHOKA. REKA RERO GUTERANYA ABARUNDI UVUGA IBITARIVYO TWARAKUMENYE.

  • Mushingantahe canke mugabo Gezaho,Nkuru ni mubi gose caane,ababizi barabizi niba wew uri muri kakagwi kica kagakira vyose birera.ababizi nabahuye nawamugambi mubisha safisha wote.Burya harabantu bigira incabwenge gusumba abandi.Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe.

  • Mwene data Ciza niba utarabimenya gushika uyu munsi afrika yose itwarira hanze ari naco gituma CNDD yatsinze amatora 2010 kandi yari umukanÄ ida umwe bagaheza bakavuga amatora yagenze neza. Ikindi kwubahana birakenewe niyo waba uri umunyapolitike. Ntukabwire umuntu ngo nashinge icinyo kuko siwe umugejeje aho ari.

  • igisigay nuko ONU yonyene ariyo yagira icivuze kubiriko biba mugihugu cuburundi.erega aho bigeze ivyahuha biriko birahuhuka.karashizingani ibigwanisho bibe umuti wibibazo bihanze igihugu aboduhanga amaso babibona!!!aho mvuga ONU kukwariyo nkingi yisi.

  • pancrasi ni toto uwo c’est un tout petit.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.