IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urupfu rwa Adolphe Nshimirimana rwateye ubwoba mu bantu

Urupfu rwa Adolphe Nshimirimana rwateye ubwoba mu bantu

dimanche 2 Myandagaro 2015

Inyuma y’igandagurwa ry’uwahoze arongoye urwego rw’igendereza General Adolphe Nshimirimana, abanyagihugu bo mu makomine amwe amwe bavuga ko batekewe n’ubwoba.

Abo muri komine ya Ngagara basanzwe bahana urubibe n’ikomine ya Kamenge ahagandaguriwe uwo mutegetsi, bavuga ko batekewe n’ubwoba, ko cane cane mu masaha yo mw’ijoro bashobora guterwa abantu bakicwa canke bakanyuruzwa, mu gihe batanguye kubona abantu bagenda barashirwa ku mabarabara batazwi. Abo banyagihugu baremeza ko hari ikamyo y’igiporisi yagiye irashira abantu bambaye umwambaro w’impuzu za giporisi hagati ya Ngagara na Kamenge.

Urupfu rwa Adolphe Nshimirimana rero, mu giporisi c’Uburundi bakaba bavuga batanguye amatohoza. Yishwe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana muri komine ya Kamenge, atewe igisasu ca rokete. Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko Petero Nkurunziza arongoye igihugu ashikiriza ijambo ku mboneshakure y’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.