IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urutonde rw’abantu batunze muri Afrika n’ibihugu bifise aba miriyaderi (...)

Urutonde rw’abantu batunze muri Afrika n’ibihugu bifise aba miriyaderi benshi

jeudi 19 Ntwarante 2015

Ikinyamakuru c’ubutunzi "Forbes" casohoye urutonde rw’abantu batunze kurusha abandi muri Afrika mu mwaka w’2015. Abanyafrika bagera kuri 29 nibo baharurwa kuba bafise amafaranga angana n’amamiriyaridi y’amadorari.

Ikinyamakuru c’ubutunzi "Forbes" catangaje ko Afrika ifise abantu bagera kuri 29 b’abamiriyaderi. Muri urwo rutonde, habajwe gukorwa urutonde rw’ibihugu vyo muri Afrika bifise aba miriyaderi benshi kurusha ibindi, mu nyuma hakorwa urutonde rw’abantu batunze kurusha abandi.

Mu kibanza ca mbere, haza igihugu ca Egypte gitunze aba miriyaderi 8, kigakurikirwa n’igihugu ca Afrika y’Epfo, n’abamiriyaderi 7.Mu kibanza ca gatatu, haza igihugu ca Nigeria gifise abamiriyaderi 5, hanyuma igihugu ca Maroc gifise abamiriyaderi 3, mu nyuma hagakurikira igihugu ca Tanzania gifise abamiriyaderi 2.Ibindi bihugu nka Algeria, Ouganda, Angola, na Swaziland bifise umumiriyaderi umwe umwe.

Raba urutonde rw’abantu 10 batunze kurusha abandi muri Afrika

Nigeria : Aliko Dangote, amamiriyaridi 15,7 y’amadorari y’Amerika

Afrique du Sud : Johann Rupert, amamiriyaridi 7,4 y’amadorari y’Amerika

Afrique du Sud : Nicky Oppenheimer, amamiriyaridi 6,7 y’amadorari y’Amerika

Afrique du Sud : Christoffel Wiese, amamiriyaridi 6,3 y’amadorari y’Amerika

Egypte : Nassef Sawiris, amamiriyaridi 6,3 y’amadorari y’Amerika
Nigeria : Mike Adenuga, amamiriyaridi 4 y’amadorari y’Amerika

Egypte : Mohamed Mansour, amamiriyaridi 4 y’amadorari y’Amerika

Swaziland : Nathan Kirsh, amamiriyaridi 3, 9 y’amadorari y’Amerika

Angola : Isabel Dos Santos, amamiriyaridi 3,1 y’amadorari y’Amerika

Algérie : Issad Rebrab,amamiriyaridi 3,1 y’amadorari y’Amerika

Urwo rutonde rwakozwe na Forbes ntirwashizemwo umurwi w’abantu batunze mugabo bava mu miryango y’abami canke usanga baragiye ku butegetsi kubera basanze ko ubutunzi baba bafise kenshi buva kuri ayo mabanga bafise mu gihugu.

Mwomenya ko Bill Gates akiri uwa mbere atunze kw’isi yose n’amafaranga angana n’amamiriyaridi arenga 79,2 y’amadorari.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Burya ko ntabonye Bunyoni kand bavuga ko asumvya amahera leta nako baravye abayirondereye atarayo.basahuye igihigu.

  • Nanje naroondere Rudolophe na Bunyoni muga basanze ari abambuzi abo nabakoziiii

  • Iyo mudasigura ico bisunze mugotora abo bantu vyari kudutangaza kuko BUNYONI , ADOLPHE , barusha amahera bamwe murabo mugabo nayo basahuye abanyagihugu.

  • Mwibazemwese mwakurikiranye ababanaze gutanga ivyiyumvironga yobakoko abobavurwa ba Bunyoni na Adolph aribobarundi bivye gusumvya abandi kuvuburundi bwikukiye? Nubwotutabatuzi icobabaziza bakacababicisha mukubavuga ukobashatse canke bakavaha umwanya wambere muvyitwa ibintibi bikorerwa mu Burundi, raba ukuntubabatangatanze murivyose ngo: Nabicanyi bambere kuvuburundibwabaho, ngonuvyobisuma vyanbere kuvuburundi bwabaho, harinahinabonyebavuzeko aribobasambanyi bambere kuvuburundi bwabaho, nakonarinibagiwe ngonibonarubdibambere batunze ibintuvyivyibano kuvuburundibwabaho!!! Mubonuzovyemeza bakavyemera jewe sindimwo kuko amayeri yakoreshejwe mumuakayaheze yokumara abasirikarebose babahutu mugi sirikare cuburundi tuvyitako vyakozwe nabatutsi ariko uduhutu twutugambanyi natwotwabigisemwo uruhara, nunomusi uwushaka kuvugishukuri ntiyovugako abobanyacubahiro bibasiwe nabatutsigusa nabahutu barimwo arikwabatutsi barizi nezaneza iyobababashaka gushika nubwo ubu ibintuvyugaye bitarukobiraborohera, arikwabahuru ntibababazi ivyobarikobarakora bishobora kubaribizotuma bitwi ibitamenya, ibujuju, ibigugu, canke mumbugonziza intamenya. Jewe ndashaka kwigana ababenewacu babatutsi kubijanye nukuntu babikiranira ibanga, rabanamwe kuvakera bamwemubari barongoye igihugu ntabatutsi birirwa barabaririmba ngobarivye vyabayengwati hwe, arikutumusi haraduka umututsi afitiye urwanko ubwoko bwabahutu akavugango uyu Bunyini niwemueundi wambere afise amahera yamibano meshi uduhutunatwo tutanazi nintumbero yuwomututsi tukacadushiramumajwi ngwego nuwambere mukubigosuma amakungu ngomurakoze, jewe iryojisha ntaryonzokora nahisemwo kwigana ukwabatutsi bakora kandinihibacababona kwatamuntu asumbuyundi, nayotwaduhutu nababwiye tugumatwimaramaza twitabura dushigigikira gusa.

  • None Ayo Matungo Yavuyehe Ko Umexgo Nikirenga? Nanje Bompa Umurongo Wokuyarondera?

  • None Ko Nkeneye akazi Niphuza Gukora Konteza Imbere Bokandosa?

  • Mukirundi Barayamaze ngo Uwugutuka ntagutorera. Adolphe na Bunyoni ko batanguye akazi ka Leta ejobundi. ariko abatwaye igihugu bacicayeko kumyaka irenga 40 ko mutigeze mubumva babavuga. Mureke kuja murahendwa nabo bagizi banabi basahuye igihugu n’abanyagihugu imyaka irenga mirongo ine ariko bobo batavugwa. Harya umusezi yanka uwundi! Naho Bunyoni na Adolphe boba baranyaze kizima ubutunzi batabutwayew hanze ivyovyose bafise biri mu gihugu, ariko abandi bose imyaka irenga mirongo ine(40) biba bajana mubindi bihugu abo nibo twari dukwiye gukwirikirana.

  • abarund turanezerezwa nokumvatumenyeshwa uko ibindi bihugu biteyimbere kuko natwe biduha ingoga zogukora kugirango natwe twibesheho.

  • karabazungu nabarabu gusa nikuki?

  • Mubisanzwe Ayomafaranga Barayarondeye Barayaronka Koko?Jew Ndashak Kumenya Icobakora.

  • Abant Bamwe Umengo Ntibakwije Nomutwe Abobadmdaguy Hari Umurundi Numwe Mwunvisemw Habe Natanzaniy Kubutunzi Mbwo Muri Afiric Iza Umbw Kane At Waho Arimwo.Uvuge Uburundi Butanavugwa Muvyubutunzi! Ahumbwoshimiy Ababant Kuko Arivyo Bironderey Atarinivyo Bobabaronkey Muntwar Kuko Abaronker Kuntwar Aba Arivyo Basahuy.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.