IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urutonde rw’abatumiwe mu biganiro bitangura kuri uwu wa kabiri i (...)

Urutonde rw’abatumiwe mu biganiro bitangura kuri uwu wa kabiri i Arusha

lundi 11 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe i Arusha kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Mukakaro 2016 gushika kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 2016. Reta y’Uburundi imenyesha ko yaronse ubutumire, kandi ko izokwitaba ivyo biganiro, ariko ikavuga ko itarota yicarana n’abafise ivyo bagirizwa n’ubutungane, na cane cane abahurikiye mu runani CNARED rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, avuga ko abari muri CNARED ariko badafise ivyo bagirizwa, kandi bakaba bafise imigambwe barongoye yemewe n’amategeko, aribo bonyene bazokwicarana na Reta y’Uburundi.

Urutonde rw’Abitavye ivyo biganiro

Abaserukiye Reta y’Uburundi

NYAMITWE Alain, BARANDAGIYE Pascal, NYAMITWE Willy, MAHORO Anicet, MUTONI Nancy, NZEYIMANA Léontine, BUTOYI Évelyne

Abahoze ari abakuru b’igihugu

BUYOYA Pierre, NDAYIZEYE Domitien, NTIBANTUGANYA Sylvestre

Umuhuza w’Abarundi

RUKARA Mohammed

Abaserukiye umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bibera mu Burundi

NZOYISABA Justin, NKEZABAHIZI François, NTANYUGU Festus

Abaserukiye umugambwe CNDD FDD

BURUKUKIYE Victor, NTAKARUTIMANA Joseph, NDARUVUKANYE Zénon, NDABIRABE Gelase, BERAHINO Gloriose, SINZIKAYO Jean Claude, RURAHINDA Bénigne, NICIMBESHE Laurent

Abaserukiye umugambwe UPRONA

NIBIGIRA Concilie, GATERETSE Philippe, NDIKUMANA Delphin

Uwaserukiye umugambwe FNL

BIGIRIMANA Jacques

Uwaserukiye umugambwe RADEBU

MUTABAZI Jean de Dieu

Abaserukiye umugambwe SAHWANYA FRODEBU

NGENDAKUMANA Léonce, BAMVUGANYIMVIRA Frederic, NKURUNZIZA Patrick

Uwaserukiye umugambwe SANGWE PADER

NZOJIBWAMI Augustin, président

Abaserukiye umugambwe CNDD

NYAGOMA Léonard, MUNYEMBARI William

Abaserukiye umugambwe FRODEBU Nyakuri : NIBIZI Kefa, NIYONCUGU David

Abaserukiye umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

BARAMPAMA Marina, Mugwengezo Chauvinau, MPAWENAYO Pasteur

Uwaserukiye umugambwe ANADDE : BUTOYI Antoine

Uwaserukiye umugambwe PARENA

NIMUBONA Zenon

Uwaserukiye umugambwe ADR

NZOMUKUNDA Alice

Uwaserukiye umugambwe PALIPE AGAKIZA

NGENDAGANYA Casimir

Uwaserukiye umugambwe PAJUDE

NKUZUMWAMI Pascal

Uwaserukiye umugambwe PASIDE

BARICAKO Aloys

Uwaserukiye umugambwe RADDES

NDITABIRIYE Dismas

Uwaserukiye umugambwe PIEBU

NSAGANIYUMWAMI Déo

Uwaserukiye umugambwe FROLIBU

NDAYIRAGIJE Adrien

Uwaserukiye umugambwe MRC Rurenzangemero

NGOWENUBUSA Juvenal, NKENGUBURUNDI Eric

Uwaserukiye ALMA Parens

MANIRAKIZA Desiré

Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI

RWASA Agathon, MAGERA Aimé

Abaserukiye UPRONA itemewe na Reta

NDITIJE Charles, NGAYIMPENDA Évariste, SIBOMANA Tatien

CNDD FDD (Radjabu)

NDAYISENGA Félix, NIJIMBERA Liberate

Uwaserukiye Ligue ITEKA

NIKOYAGIZE Anchaire

Uwaserukiye Ligue IZERE NTIWIHEBURE : NDARUZANIYE François Xavier

Uwaserukiye SOCIC/ACOPA

KAZIHISE Pierre Claver

Uwaserukiye OLUCOME

RUFYIRI Gabriel

Abaserukiye urwego rw’ABASHINGATAHE

TEGERA Catherine, RUVUZAKINONO Bernard

Uwaserukiye APRODH

MBONIMPA Pierre Claver

Abaserukiye ABATWA

SUKUNOBA Vincent, NICAYENZI Liberate

Abaserukiye " Chambre du Commerce"

NSHIMIRIMANA Denis, BUCUMI Catherine

Uwaserukiye ishirahamwe "Dushirehamwe"

NDORICIMPA Thérèse

Abaserukiye PARCEM

NDIKUMANA Faustin, GACUTI Nadine

Abaserukiye urunani rw’Abakenyezi

MFAYOGUHORA Jeanne, NIBARUTA Menedore, NZEYIMANA Sylvie

Uwaserukiye ONELOP

NJANGWA Gilbert-Becaud

Abamenyeshamakuru

NKURUNZIZA Claude (Rema FM), NIYIMFASHE Jean Pierre (RPA), MANIRADUNKUNDA Samson (Bonesha), IRANZI Fabrice (Ikiriho), NGENDAKUMANA Landry (RBI).

Abaserukiye Ekereziya Gaturika mu Burundi

Musenyeri NGOYAGOYE Évariste, hamwe na Musenyeri NTAMWANA Simoni

Uwaserukiye ishengero rya Anglicane

NTAHOTURI Bernard

Uwaserukiye idini rya Isilamu mu Burundi

KAJANDI Abdalah

Abaserukiye "Mouvement des Femmes pour la Paix et la Securité"

BARICAKO Marie Louise, HUNJA Immaculée, BUNDAGU Vestine, KANKINDI Perpétue, KINYABUKU Marie, NATULIYA LANEZA Carine.

Abaserukiye WID

MPOZEZI Félicité, MINANI Pascasie, KUBWAYO Marlène

Abaserukiye urwaruka

NZOSABA Eraste, NGARAMBE Willy Daniel

Uwaserukiye abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972

NZEYIMANA Frederic


IGIHE

Messages

  • Hahahahh iyo nunvamwo izina cnared nociy nfata ikigwanisho nkakora izonyanka Burundi zikinjira mugihugu muz mumeny ko twinjiranwe nkuko abanya soudan yepfo binjiranwe nikimwenyi Ngo Ni Rieck machar twes abarundi tuzoca twegura umuheto tubarwanye wamukecuru Maragaride maggy yavuz Ngo bazotaha nkuko mose yambukanye abisirael naze turamutegerej azoca mukirer tumutum inkuba ace mukiyaga tumutume gistave yingona niyaca mukuzimu tumutum infuku ndashimiy abitanze batiziganya kugira reta yitorew nabene gihugu ikomez imigambi yiteramber niharambe kand umukuru wingabo zwikirenga petero nkurunziza nincut ziwe ubushinwa nuburusia murakoze

  • GERAGEZA NDABABWIJUKURI ATARUGUHARIRA BAGIYEMWO GUSA NTAKIZOVA MWIVYOBIGANIRO MUZOMPINYUZE

  • Abagabo nabapfasoni ijana nibo bagiye kuduserukira mub antu mimiliyono 8. basha amacandya ni menshi

  • Yonumvamwo ubwicanyi Pacifiq nacanceceka nkagumana iciyumviro kimwengo’ kobigezeguryo zomubundira nkuko nabo babundiye intwari zuburundi bakazigandagura.

  • ivyo birakwiye kuko cenarede ntaho tuyizi rero ndumva nisawa kirapanze

  • Mbe ko ibijuj biter birwir mu Burundi?Uyu Munt Avug Ko Yokwic Abo Mur Cnared Ar Mur Vya Binywamaras Nka Nkurumbi Aashk Kwibnir N’imbrakmaz Zitize Kugr Aze Arabfatir Kw’izos Hama Bukey Ngo Ganz Sabw Daw.uw Mupfasoni Maggy Yarez Impfuvy Zacits Kw’icum Kuber Intambr Ark Nimwumv Ngo Imbrakimaz Zomwica!Ahubw Mukumbuy Ivy Mwivy Mu Ntambar Mbon Na Nkurumb Yatway Igihug Avuy Kuragr Inka.Akarw Kiw Nak Mbon Karemvy.Uwufis Umutma Arabaz Iyo Adolphe Na Bagenz Batar Bak

  • None President Petero Nkurunziza azoguma muri iyi situation yo kutashobora gujabuka canke kwibera Igitega gusa bishike hehe? Mugabo iyo Nkurunziza yarikuba uwundi aba yararekure hanyuma akazitoza hanyuma.
    Ubu rero bazorinda kumwica kugira ave ku butegetsi kandi niko bizogenda.
    Birababaje ko situation yo mu Burundi iguma ari yayindi y´induru kandi amategeko yarariho kugira akurikizwe.

  • Murayo Mazina Harimwo Abafise Ububira Bubiri. Abo S’abarundi Bakwiye, Kuko Baraturira Aho Kuwota Bagaca Bijabukira Iwabo. Twebwe Tugasigara Turatabagurana Ataco Dupfa Ataninyungu Tuzoharonka. Nibaduhe Amahoro. Muvyo Baganira Leta Nigabanye Umushahara W’aba Administratifs Hamwe N’aba Députés Umuntu Ahembegwe Amashure Yize Canke Akazi Akora Murabeko Hari Abosubira Kwirukira Politique. Erega Bayirukamwo Kubera Ariho Hasigaye Ubuzima.

  • Nta Minani mumbonera ga yemwe?!!!!!

  • Muri Ayo Mazina Harimwo Abafise Ububira Bubiri: Abo S’abarundi Bakwiye.Nibamwe Bacana Umucanwa Aho Kuwota Bagaca Bijabukira Iwabo Tugasigara Turatabagurana Ataco Dupfa Ataninyungu Tuzohakura. Ikindi Naco Muvyo Baganira, Leta Nigabanye Imishahara Y’aba Administratifs N’aba Députés Murabe Ko Hari Abosubira Kwirukira Ivya Politike, Erega Benshi Bajayo Kubera Ariho Hasigaye Ubuzima. Mugabo Umushara Wongana N’uwabandi Bakozi Abarundi Tworonka Amahoro.

  • none president ntezogendamubiganiro?hamwe atogendawumvahovamwiki!! ahubwoyarikugendaniwesewabarundi

  • Mukapa yahambye CNREC. Twese tujye kwirimbi dushireko agataka

  • @ kajos " ndakubwire jewe sindi muri ivyo vyanyu vyinzankano zidahera , kandi sindi muri politique. Ariko ivyo uvuze numvise nokwishura n’ abandi bakabibona. Muvyukuri ayo majambo yawe niyo nyirabayazana. Kubera umva ndakubwire wewe umenga sinzi iyo wwarerewe kuko umukuru w’ igihugu yarafise papa wiwe ari un gouverneur, ni ukubera bamwishe muri 1972 ariko uretse nivyo uwariwe wese abishoboye aratwara

  • Wesha Xerus, uwoguhitishamwo kwigumira mugihugu gu cawe camavukiro, canke akagutesha igihugu cawe camavukiro wohiramwo iki?

  • Ewe Xerus hinduka woye kwipfuriza abandi urupfu kuko twese ruratubona ntawuzorusimba.

  • muri abaswa kabisa abandi bari munama ikigali yiterambere name muri mumacakubiri no kuryanira ubuyobozi ese ubundi userukira CNDD FDD atandukaniye he nuserukira Leta hanyuma ngo abacitse kwicumu 72 aba 93 barihe? ck abahunze ejobundi.
    na Yesu azagaruka mutarakira. ngo UPRONA na UPRONA itemewe na Leta hanyuma ngo babatabare abatutsi bishwe muri ibisambo ngo kandi inda nimbi izabashyira ahabona nabasoda bakera baragaragaye.

  • ariko umuntu aba indiscipliné kugeza ashaje, nkuyu musaza uhagaze hejuru yabandi mundege niba yarabaye tandiboyi akiri umusure arinze aba umuyobozi bitaramushiramwo wasanga yibagiwe ko ari mundege cg ubwo ngo yerekanye ko ari umusilimu atega indege buri munsi injiji ziracyavuka kabisa

  • Ishahurwa irira bukebuke nirwo rugendo reka turindire twumve nkurunziza na karwi kiwe ngo ntabiganiro bibera hanze tuzojamwo none barahaye biyandaza

  • NKURUMBI AZOKWICWA KURI COMBAT YA NYUMA.KUKO AKO NAGAFILME BAHAYE BAKINA KUBURUNDI.KANDI AZOBAYISHWE CANKE YICISHIJWE NA BAHANUZIBE BABI NKABA NYAMITWE,BUNYONI NA BANDAKUGARIKA,KUMWE BIRAHIRA ADOLF.AHO IFILME BARIKOBAKINA IZOBIRANGIYE.HAMA NATWE TUBONE GUTAHUKA TWISUBIRIRIWACU ATAGAKOMA.

  • Nukuri Bayage Buvyikana Abarundi Twipfuza Amahoro

  • Kwica Uyu Canke Uriya Ntibitanga Inyishu Y’ibibazo, Ahubwo Niho Ibintu Biguma Biyangara. Ntamwicanyi Arigera Aronka Amahoro!! Birababaje kubona leta ikena kugeza naho yosha BRARUDI kugira promotion y’inzoga zataye garanti kubera ubukene bwa leta,

  • mbona hitavye bose imana nidufashe baganire bahuza turonke amahoro kuko ni nzara iraturembeje

  • Ibigiye Inama Bigira Imana.

  • Birame mbone Amanyangagusa

  • Twizere Ko Bigi yekujamungira Ariko Dufatiye Uko Vyatanguye Amakenga Yo Ntabuze Imana Isumbingabo ...... Abarundi Bati Ndabirorere Ninyo Yumuvumvyi

  • Twizere Ko bigiyekuzamungiro Ariko Dufatiye Uko Vyatanguye Amakenga Yo Ntabuze Imana Isumbingabo ...... Abarundi Bati Ndabirorere Ninyo Yumuvumvyi

  • igihugu mwakigize igikinisho c’abana? Imana Iraje Mwese Ikibake Igihe Abandi. Urabona Ngo Muguma Muvuga Utu Na Turiya. Vyabanani Nimubivuge Twitorere Abandi. Abarundi Mwishe N’ubukene Bwugarije Igihugu Kubera Ubugoryi Bwuzuye Muriyo Mitwe Mujanye I Arusha , Izo Nda Zanyu Zidashima Ivyo Mufise , Uwo Bibaka Vyose Bikaba Indishi Y’akababaro Ku Vyononekaye Kandi Bibandanya Kononekara Mu Burundi. Iyo Mwambay Amakoti Ntacizere Ngira Kuko Imana Mwayibagiwe.

  • Mwebwe Mugiye I Arusha Ndababajije" Mbega Iyo Mitwe Yanyu Irimwo Inyungu Z’Abarundi Bagera Ku Millioni 10 ?" Kubera Iki Igihugu Mugifata Nk’aho Ar’icanyu Gusa Mugiye Kuganira Mukarondera Ibizoja Mu Nda Zanyu Gusa ? Ivyo Biganiro Ntakizovamwo Kizoramba. Nico Gituma Uburundi Buguma Busubira Inyuma Nk’ibirenge. None Nimwaguma Muconona Aho Tuzobaterera Ivyatsi Mwese Tudatonije Ntimuzosigara Mukomba Isahane Abandi Baririyeko ? Hinduka Muhindukire Mukire Ubujuju Mwese.

  • @jishoryintare

    "ariko umuntu aba indiscipliné kugeza ashaje, nkuyu musaza uhagaze hejuru yabandi mundege niba yarabaye tandiboyi akiri umusure arinze aba umuyobozi bitaramushiramwo wasanga yibagiwe ko ari mundege cg ubwo ngo yerekanye ko ari umusilimu atega indege buri munsi injiji ziracyavuka kabisa"

    Uyo ubona rero sha ni "mzee wa kizungu". Uyo yarangije Ecole des élites militaires wowe utaravuka! Ikizungu ntabwo ushoboye kukimwigisha!
    Kandi mu ndege ntabwo kizira guhaguruka. Kiretse ari amatageko masha yaje kubera EI cangwa IS yanyu!

  • NTACIZERE,REKA TURINDIRE TURABE.

  • Ariko Uburundi Buzoheza Ibiganiroryari Ariko Ntaciro Nibakomeze Amaguru Na Matike Iki Babaje Nabanyagihugu Tuhahombera

  • Ariko Uburundi Buzoheza Ibiganiroryari Ariko Ntacizero Nibakomeze Amaguru Na Matike Iki Babaje Nabanyagihugu Tuhahombera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.