IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rusaba abanyepolitike gukora baronderera amahoro igihugu

Urwaruka rusaba abanyepolitike gukora baronderera amahoro igihugu

samedi 21 Nyakanga 2013

Mu gihe hariko harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro, amashirahamwe amwe amwe y’urwaruka asaba abanyepolitike b’abarundi gukora bashize hamwe ku neza y’igihugu n’iyabanyagihugu, gukora ibikorwa bitsimbataza amahoro aho kuyahungabanya.

Urwaruka ruri mu muhari wa Scout rurikumwe n’urundi rwo muri Reseau des organizations des Jeunes en Action pour la paix, la Réconciliation et le Développement, rwagize urugendo rurerure kuva ku cibutso c’ukwikukira gushika mu kigo c’umuhari wa Scout kiri muri komine Rohero. Uyu munsi rero bakaba bariko bawuhimbaza ku civugo kigira giti: « La paix est un voyage…faites le premier pas avec nous » ( Amahoro ni urugendo… Nimugire intambwe ya mbere hamwe natwe).

Ku bwa Mbarubukeye Floribert asanzwe ajejwe inyigisho z’urwaruka mu muhari wa Scout mu karere k’Imbo, avuga ko amahoro ari aya bose haba abakuru n’abato. Abandanya asaba ko abarundi bose ko bohagurukira icarimwe bagafumbatira amahoro, yo soko ry’iterambere. Asaba abayadurumbanya, canke abagifise indoto zo kuyahungabanya, ko bokwikubita agashi, kuko amahoro akenewe n’abantu bose.

Allegria Negamiye wo muri RJA, avuga ko amahoro ariyo ya mbere ku munyagihugu wese. Kuko iyo umuntu afise amahoro, ibikorwa vyiwe vyose biraranguka, iterambere naryo rigaheza rigasasagara mu gihugu. Abandanya asaba abarundi bose na cane cane abajejwe intwaro, gukorera hamwe kugira amahoro Uburundi bugezeko ntaze asubire inyuma, ko ahubwo Uburundi bwoguma butera intambwe buja imbere nk’uko icivugo cabo kibivuga.

Twobamenyesha ko iyo misore n’inkumi yo mu gisagara ca Bujumbura ihurikiye muri ayo mashirahamwe ukwo ari abiri, bose bari bafise ivyapa biriko amajambo yo gukangurira abarundi gufumbatira amahoro, eka ndetse bakaba bagenda bararirimba indirimbo zitandukanye harimwo iz’Imana n’izindi. Ikindi mwomenya n’ukwo ivyo bikorwa biriko bishigikirwa na Search for Common Ground.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.