IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwahawe umuyobozi mushasha

Urwego CNC rwahawe umuyobozi mushasha

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rwahawe umuyobozi mushasha, KARENGA Ramadhan, yafashe ikibanza cahoramwo Richard GIRAMAHORO.

KARENGA Ramadhan agiye kuyobora urwego CNC (Conseil National de la Communication) yahoze ari umumenyeshamakuru, umwuga yakoze imyaka myinshi muri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi), muri BBC, hamwe no muri DW (Deutsche Welle).

JPEG - 60.6 ko
KARENGA Ramadhan, umyobozi mushasha w’urwego CNC

KARENGA Ramadhan yarabaye kandi umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, akaba kandi yarabaye umushingamateka w’umugambwe CNDD FDD yatowe mu ntara ya Bururi, mu mwaka w’2010.

Richard GIRAMAHORO yahora arongoye urwego CNC yari yagenwe muri Ntwarante 2014, akaba asubirijwe atarakwiza ikiringo c’imyaka itatu yari afise.

JPEG - 17 ko
Richard GIRAMAHORO yahora arongoye urwego CNC

IGIHE

Messages

  • Uwowe nyimbaje kuyigurisha canke kuyitangira Ubuntu nkakumwe yabigira kuriyandege falcon nimwaraba nabi nabanyamakuru azobagurisha birababaje ingene uburundi bufise icabwenge nyishi kandi zumutima mugabo bwabuze ababutwara

  • felicitations Karenga Ramadhan!

  • Hewe TARI erega ivyo vyiyumviro vy’ibinyoma mwari mufise mu mitwe, aho mwahora mwiyumvira ngo abatutsi ko aribo bazi ubwenge, muravyikura mu mutwe. Abahutu b’incabwenge ni benshi cane gusumba abatutsi nk’incuro cumi, iyo upfuma uvuga ko muturusha amazuru asongoye aho twobikwemerera. Nibaza y’uko rwa rumogi ba Sinduhije na Maggy babagaburira ko rutarakuva m’ubwonko, kuko amajambo yose uhora wandika n’ikijuju kitoyandika.

  • nibazebarabisiranakukontawavukiyegutwara,kandi si itongoridasabikanywacanke ibatisimu.Ikibabajenukohagumahisubirizababandinonentabandibabishboyebahari?

  • Turashimiye papa Burundi kundongizi nshasha aronkeje urwego rujejwe kumenyesha amakuru yakoze ivyo amategeko amurekurira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.