IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Usalama ,umukenyuro mushasha wo kurwanya ubwicanyi muri kano (...)

Usalama ,umukenyuro mushasha wo kurwanya ubwicanyi muri kano karere

mardi 30 Mukakaro 2013

Igipolisi c’uburundi carirukanye kuri uwu wa gatanu abanyekongo 184 ,55 b’abanyarwanda ,abakenya 3,abatanzaniya 12 ,umuganda 1 hamwe n’abahindi 3.Aho rero ni mu ntumbero y’umukenyuro mushasha wo kurwanya ubwicanyi bubera hagati y’imbibe zo muri kano karere.

Kubwa Ndereya Ndayambaje ,umuyobozi mukuru w’igipolisi c’igihugu C’Uburundi ,uwo mukenyuro witwa ‘’USALAMA’’wakozwe n’inzego z’igipolisi c’ibihugu vyo muri kano karere Ka Afrika y’ubuseruko EAPCCO hamwe n’ishirahamwe ryo muri kano karere rifasha abakuru b’igipolisi ba Afrika y’ubuseruko SARPCCO.Uwo mukenyuro ukaba ufise intumbero yo kugwanya nk’abantu biba abantu bakabafata nabi ,canke bakabagurisha,ubusuma bw’imodoka ,urudandazwa rw’ibiyayura mutwe urudandazwa rudakurikije amategeko rw’ibirwanisho.bito bito.

Imiduga ibiri yatowe muri kenya hamwe no muri Tanzaniya ,ibiro 44.897 ry’urumogi cannabis hamwe n’utubure 56 tw’urumogi bita chanvre indien vyarafashwe abakiekwa ko ico caha bakaba bafashwe.

Ivyo bikorwa bikaba vyateguwe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika 18 mu bihugu 24 ,mu ntumbero yo yo gushiraho inyishu ko mu koraniro adasanzwe kuri ayo mashirahamwe kugira barwanye neza ubwicanyi buba hagati muri bi bihugu hama bongere bagwanye umurongo w’abicanyi .


Karire Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.