IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uturusho tw’amatara n’amazi ku bakozi ba REGIDESO twavunjwemwo (...)

Uturusho tw’amatara n’amazi ku bakozi ba REGIDESO twavunjwemwo amafaranga

samedi 2 Ntwarante 2013

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwafashe ingingo ko butazosubira guha amatara n’amazi ku buntu abakozi b’ishirahamwe REGIDESO ritanga amatara n’amatazi,. Ngo bzohora baronswa amafaranga birihire. Sendika y’abakozi iravyiyamiriza kuko ngo bazohabwa amafaranga make cane.

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu Come Manirakiza niwe yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyesha kuri uyu wa gatanu italike 1 Ntwarante umwaka w’2013.

Yavuze ko abakozi b’ishiramwe REGIDESO ritanga amatara n’amazi batazosubira kurihirwa amatara n’amazi nk’uko vyahora bigenda haraheze imyaka itari mike. Ahubwo ngo bazoronswa amafaranga akwiranye n’amatara n’amazi bahora bakoresha hanyuma abe aribo birihira.

Yamenyesheje ko ari ingingo yafashwe mu ntumbero yo kworohereza amakozi no kubashira ku rugero rumwe bose. Avuga ko ishirahamwe REGIDESO rifise abakozi barenga 1350 ariko ngo abarenga ibice 65 kw’ijana ntibaronka utwo turusho.

Umushikiranganji Come Maanirakiza asigura ko igituma hari abakozi batahora barihirwa utwo turusho ngo vyavuye ko aho baba hatameze neza. Ngo kugira RGIDESO irihire amatara n’amazi abakozi bayo ngo bategerezwa kuba bafise ikonteri bisangije y’amatara n’amazi. Bisigura ko bategerezwa kuba bafise inzu yigenga babamwo itarikumwe n’izindi. BNenshi muri abo bakozi nabo bakaba baba mu makaritiye abayabaye mu makomine ya Bwiza, Cibitoke, Kamenge, Kinama, Buterere, Musaga, Nyakabiga n’izindi.

Come Manirakiza yavuze ko ivyo vyatuma abakozi benshi baba muri ayo makaritiye bataronka uturusho tw’amatara n’amazi hanyuma tugahabwa gusa abakozi bisununuye kandi ngo kenshi wasanga ari abakozi bakurubakuru.

Kuri we rero ngo iyo ngingo ije kunganisha abakozi no kuborohereza. Ikindi naco ngo n’uko ayo mafaranga abakozi bazohabwa nk’utururusho azotanga ikori hanyuma ikigega ca Reta kibomboke.

Naho biri uko abakozi bobo baravyiyamiriza muri rusangi. Sendika y’abakozi ba REGIDESO imenyesha ko izobanza gukorana kugira igire ico ishikiririje mu kwiyamiriza iyo ngingo. Ico bikora, hari umukozi wo muri sendika y’abo bakozi ba REGIDESO twaganiriye atashatse ku mvuga izina ryiwe, yamenyesheje ko utwo turusho twagabanijwe cane.

Uwo mukozi wa REGIDESO yavuze ati ’’ Uravye igiciro c’amatara n’amazi RGIDESO yahora iturihira ukage=reranya n’amafaranga twabonye bazoduha, ntibihugu na gato. Twasanze ayo mafaranga yagabanutse gushika ku bice 50 kw’ijana. N’ukuvuga ko abakozi ba REGIDESO batunigiye mu menshi twebwe abakozi batobato ntaco tuzoronka. Ahubwo abakozi bakurubakuru ari nabo bafashe iyo ngingo bashatse kwiyorohereza bazoronke amafaranga menshi kandi y’umurengera. Nta nkeka bizotuma ishirahamwe REGIDESO risohora amafaranga menshi kandi aje mumifuko y’abantu bamwe bamwe’’.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.