IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzu buteza isoni igisagara gikuru c’Uburundi

Ubuzu buteza isoni igisagara gikuru c’Uburundi

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Kw’ibarabara ryitwa RN1, ubuzu budandarizwamwo imfungurwa buduga ku munsi ku munsi nk’ibizinu.

Ubwo buzu bwubatswe mu mbingo ubundi nabwo ugasanga bwubakishijwe ibisigarira vy’ibigazi, burateye isoni kubona kw’ibarabara rya RN1, ibarabara ryama ricamwo abanyacubahiro batandukanye, yaba abava mu bihugu duhana imbibe, yaba abo mu gihugu cacu baduga mu ntara zo hagati mu bikorwa bitandukanye, n’abandi.

Ubwo buzu rero bw’uburiro, abatari bake bagatangazwa n’ingene butabomorwa n’abajejwe itunganywa ry’igisagara, na rirya utwo tuzu biboneka ko duteza isoni umurwa mukuru w’igihugu. Utwo tuzu tw’uburiro, uretse ko dusanzwe dufise n’umwanda mwinshi, mu gihe c’imvura abasanzwe badufunguriramwo bamenyesha ko amama y’imvura aherera mu mfungurwa. Ivyo navyo bigashobora gukwegera indwara zitandukanye abantu.

Abasanzwe bajejwe iterambere ry’ibisagara canke isuku mu gisagara ca Bujumbura, bagasabwa gukurikiranira hagufi ico kibazo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Reke basha kwifuriza abandi ibibi!none abo bategetsi bahaca atiyungunganije bahaciye bamusigira angahe mu ma frais de mission baba batekeye mu mifuko avuye mu makori uwo womurako kazu aba yatanze.baronderere akazi hama murabe ko butabomorwa.

  • Abo banyagihugu bareke bironderere ikaye yumwana wabo benakajumbu bashika bafungura mwijoro narirya kumurango gufungura ari umugani kumunyagihugu wubu.ingorane ntiziraho.ingorane nuko atabuzi buriho.hagusitura utwo tuzu bateguriramwo ubuzima mugukinjika utwobokuramwo agahera, bafashe mubaronderere aho bakurakazi keza wewe ushobora kubafata mumugongo.murakoze.

  • Claude na Bumwe nimwiyumvire aho muruwo mwanda mu bonye mwaravye musanga ni vyiza ko hoguma uko gira isuku

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.