IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahinyanyuye "Burundi Bwacu" yaritavye Imana

Uwahinyanyuye "Burundi Bwacu" yaritavye Imana

vendredi 15 Ntwarante 2013

Patiri Mariko Barengayabo yitavye Imana kur’uyu wa 13 ntwarante 2013 akaba yar’afise imyaka 79. Abarundi bazokwama bamwibukira kuri Burundi bwacu, indirimbo ihayagiza igihugu cacu igihe caronka intahe y’ukwikukira ku wa mbere Mukakaro 1962, aho umuziki wayo wakozwe n’uwo muhisi.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Iwacu mu kwezi kwa Ntwarante 2012, uwo muhisi yarabayagiye ingene yabaye se wa’’ Burundi bwacu’’.

Turi mu mwaka w’i 1961. Yar’akiri muto yiga kw’i seminari y’i Burasira. Ingabirano yiwe mu muziki yari yaramaze kwiserura akiri mw’i seminari y’i Mugera (Gitega). Nk’uko bivugwa na Musenyeri Makarakiza, uwo munyeshure yari yarakoze n’iyindi ndirimbo’’MIRIRE’’. Iyo ndirimbo igihe yashirwa ahabona yarakunzwe cane.

Niho rero abantu bo muri Leta bari barongowe n’umushikiranganji wa mbere Muhirwa bagiye kuraba abarongoye i seminari y’i Burasira kugira babasabe ko boha igikorwa co kwandika ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu mu gihe co kwikukira umunyeshure yanditse ‘’mirire’’ yari yakunzwe n’abantu benshi.

Uwo musore Barengayabo yaragize ubwoba, ntiyabitahura. Ariko akuwemwo ubwoba n’abayobozi biwe, uwo munyeshure yaciye aja kumara iminsi mw’i seminari y’i Mureke (Ngozi) aho yamazeyo indwi yose ariko yandika iyo ndirimbo.

‘’Novuga ko nari mfise urwandiko rwiza, rugizwe n’amajambo meza yanditswe n’abagabo bakomeye bazi cane ururimi rw’ikirundi, abanditsi b’ivyese. Nca nibuka Yohani Batista Ntahokaja, Yozefu Rugomana, Karabagega, naratwawe nayo majambo hama ndiyumvira umudiho vyojana’’.

Uravye amajambo ari mur’urwo ruririmbo, agace kose gasigura kahise. Insiguro yihishije itonashobora guhindurwa na gato mu rundi rurimi.

Ku bwa Barengayabo, Burundi buhire ntibisigura gusa ubutunzi, mugabo hakaba gusabikanya ubwo butunzi. Umuhire n’umuntu afise kandi akwongera agatanga.

Tugerageje gusigura ako gace kandi sagwa n’urweze, ngaho ucugira iciyumviro c’umunezero mwinshi, mwuzure umunezero ushitse.

Bariteguye ariko ntibahavuye bayiririmba
Iyo ndirimbo imaze gukorwa, umurwi w’abaririmvyi bo mw’i seminari nkuru y’i Burasira baciye batorwa kugira babe aribo bazoruririmba ku munsi w’ukwikukira kw’ u Burundi.

Uwo murwi w’abaririmvyi wabanje kuyiririmba imbere y’abashingamateka mu nyubakwa ‘’Palais des Arts’’ nk’uko vyamenyeshejwe na Patiri Mariko Barengayabo. Kuko abashingamateka nibo bategerezwa kubanza kuyemeza. Baciye batsinda rurayi.

Umunsi wo kwikukira kw ‘u Burundi ugeze, uwo murwi w’abariririmvyi witeguye neza bashitse basanga ngo ntibaririmba. Patiri Barengayabo avyibutse vyaramuteye umubabaro urengeje :’’Twari ngaho twese, duhimbawe, twiteguye mugabo mu gishingo cacu baciye bashiraho Burundi bwacu bafashe kw’i kaseti. Gushika n’uwu munsi, ndacafise ishavu ryinshi cane kubera ivyo bintu’’.

Kubw’iwe nta kintu na kimwe cosubirira umurwi w’abaririmvyi. Barengayabo ntiyigeze amenya uwafashe iyo ngingo.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.