IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahora aserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi ntawuzi irengero (...)

Uwahora aserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi ntawuzi irengero ryiwe

mardi 28 Rusama 2013

Inyuma y’aho uwahora aserukira Urwanda mu Burundi Habimana Augustin, ahamagawe mu Rwanda, gushika n’ubu ntamakuru y’aho yoba ari aramenyekana.

Amakuru yazindutse aravurwa ku buhinga ngurukanabumenyi, yavuga ko Augustin Habimana yoba yatorokeye ku kibuga c’indege ca Bujumbura imbere yo kubanza gushirisha umukono icegera ciwe mu buserukizi bw’Urwanda i Bujumbura amubwira ko amusigiye imodoka kandi akaba azogaruka kuyitora we nyene mu minsi ya vuba, muri ico gihe umudereva wa Habimana nawe yashize umukono kuri ayo masezerano nk’umushingantahe yabonye ko abo bompi bahanye umuduga w’ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi.

Umudereva yasambwe mu nyuma n’uwaserukira Urwanda mu Burundi ko yonyaragasa kugira aje ku mwakira ku kibuga c’indege Ikanombe kuri uyu wa 22 Rusama, ararindira ko sebuja ashika maze amaso ahera mu nzira. Gushika n’ubu, nta muntu n’umwe azi aho uwo yahora aserukira Urwanda mu Burundi ari, ndetse n’abo bahora bakorana nta n’umwe azi aho ari kugeza n’ubu.

Abakozi bo mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi bashoboye kuyaga na IGIHE, batumenyesheje ko batazi irengero ryiwe, bati Habimana Augustin yahamagawe kw’igenekerezo rya 15 Rusama uyu mwaka ko yoja i Kigali ku wa 22 Rusama, niho rero yafashe indege yerekeza i Kigali, bakavuga ko ayo ariyo makuru baheruka, ayo makuru akaba kandi yemezwa n’uwuramutswa ubwo buserukizi bw’Urwanda mu Burundi, Desire Nyaruhirira.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu bashoboye kuronderwa na IGIHE ku murongo wa terefone, ariko yahamagara ntibashoboye kwitaba kugira batange umuco ku bijanye n’amakuru y’uwo yahora aserukira Urwanda mu Burundi.

Twobibutsa ko Augustin Habimana yashitse mu Burundi mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka w’2011, akaba yahamagawe na Leta y’Urwanda inyuma y’amezi cumi n’icenda gusa ari mu mabanga yiwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.